Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O FC yarushijwe na ENYIMBA FC yo muri Nigeria
Vital’O FC yarushijwe na ENYIMBA FC yo muri Nigeria
dimanche 13 Ntwarante 2016, par
Mu rukurikirane rw’inkino zihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo, umurwi wa Vital’O FC watsinzwe ibitsindo bitanu na ENYIMBA FC yo muri Nigeria, kuri kimwe ca Vital’O, aho hakaba hari mu rukino rwa mbere rwabereye mu gisagara ca Enugu kuri uwu w’Imana. Vital’O ikaba yatakaje amahirwe y’ukubandanya ihiganwa.

N’aho bisa n’ibitoroshe, umurwi wa Vital’O FC urindiriye kugerageza amahirwe yawo mu rukino rw’ugusubiriza ruzobera mu gisagara ca Bujumbura, aho akaba ari mu gihe n’umurwi wa Athletico Olympic wakiriye kuri uwu wa gatandatu i Bujumbura umurwi wa Munana FC wo mu gihugu ca Gabon, mu rukino rwa mbere mu rukurikirane rw’inkino za Conféderation.
Athletico Olympic yatsinzwe na Munana FC ibitsindo bibiri ku busa, amahirwe y’ukubandanya ihiganwa aba aragabanutse kubera ivyo bitsindo uwo murwi Athletico FC utsindiwe iwabo.
Muri urwo rukino rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE, ibitsindo vya Munana FC vyompi vyinjiye mu gice ca mbere, kimwe ku munota wa kane, ikindi ku munota wa 16.
IGIHE
Messages
14 Ntwarante 2016, 21:12, par FABIEN BUVUMO
VITARO IZOBIKORA TUYIRINYUMA
15 Ntwarante 2016, 21:39, par emmanuel
Nigerageze.ntituzogoke.kabiri.natwe.turinyuma