IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O FC yasezeye ihiganwa naho yatsinze ENYIMBA FC

Vital’O FC yasezeye ihiganwa naho yatsinze ENYIMBA FC

dimanche 20 Ntwarante 2016, par egide

Umurwi wa Vital’O FC watsinze ENYIMBA FC yo muri Nigeria ibitsindo bibiri ku busa, ariko uwo murwi wo mu Burundi ukaba utaronse amahirwe y’ukubandanya ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere iwabo, kuko mu rukino rwa mbere, ENYIMBA yari yatsinze Vital’O ibitsindo bitanu vyose kuri kimwe.

JPEG - 131.1 ko
Abakinyi ba Vital’O batnguye mu kibuga

Muri urwo rukino rw’ugusubiriza rwabaye kuri uwu wa gatandatu ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, umurwi wa ENYIMBA FC niwo watanguye kwinjiza igitsindo ca mbere ku munota wa 25 cinjijwe n’umukinyi Joseph Onyeobi.

Bidatevye na gato, ku munota wa 28, Nahimana Shassir wa Vital’O aca aragombora ico gitsindo ku mupira yahawe na Hussein Chabalala, igice ca mbere c’urukino kirangira imirwi yompi inganya kimwe ku kindi.

JPEG - 170 ko
Abakinyi ba ENYIMBA FC batanguye mu kibuga

Mu gice ca kabiri, umusatirizi wa Vital’O, Laudit Mavugo atsinda igitsindo ca kabiri ku munota wa 63, urukino ruca rurangira ari intsinzi wa Vital’O ya 2 kuri kimwe ca ENYIMBA FC yo muri Nigeria, uwo murwi watsinzwe ukaba ariko ariwo uzobandanya iryo higanwa, bitewe n’intsinzi y’ibitsindo bitanu kuri kimwe uwo murwi wari waronse mu rukino rwa mbere rwabereye muri Nigeria.

Amwe mu mafoto yaranze urwo rukino


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.