Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O FC yasezeye ihiganwa naho yatsinze ENYIMBA FC
Vital’O FC yasezeye ihiganwa naho yatsinze ENYIMBA FC
dimanche 20 Ntwarante 2016, par
Umurwi wa Vital’O FC watsinze ENYIMBA FC yo muri Nigeria ibitsindo bibiri ku busa, ariko uwo murwi wo mu Burundi ukaba utaronse amahirwe y’ukubandanya ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere iwabo, kuko mu rukino rwa mbere, ENYIMBA yari yatsinze Vital’O ibitsindo bitanu vyose kuri kimwe.
- Abakinyi ba Vital’O batnguye mu kibuga
Muri urwo rukino rw’ugusubiriza rwabaye kuri uwu wa gatandatu ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, umurwi wa ENYIMBA FC niwo watanguye kwinjiza igitsindo ca mbere ku munota wa 25 cinjijwe n’umukinyi Joseph Onyeobi.
Bidatevye na gato, ku munota wa 28, Nahimana Shassir wa Vital’O aca aragombora ico gitsindo ku mupira yahawe na Hussein Chabalala, igice ca mbere c’urukino kirangira imirwi yompi inganya kimwe ku kindi.
- Abakinyi ba ENYIMBA FC batanguye mu kibuga
Mu gice ca kabiri, umusatirizi wa Vital’O, Laudit Mavugo atsinda igitsindo ca kabiri ku munota wa 63, urukino ruca rurangira ari intsinzi wa Vital’O ya 2 kuri kimwe ca ENYIMBA FC yo muri Nigeria, uwo murwi watsinzwe ukaba ariko ariwo uzobandanya iryo higanwa, bitewe n’intsinzi y’ibitsindo bitanu kuri kimwe uwo murwi wari waronse mu rukino rwa mbere rwabereye muri Nigeria.

Amwe mu mafoto yaranze urwo rukino










IGIHE