IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O yaguze abasatirizi babiri b’Abarundi bahora bakina hanze

Vital’O yaguze abasatirizi babiri b’Abarundi bahora bakina hanze

vendredi 5 Ruhuhuma 2016, par egide

Umurwi wa Vital’O usanzwe uri kw’isonga mw’ihaganwa rya PRIMUS LEAGUE, ubandanya kugura abakinyi bakomakomeye baje kubandanya gukomeza uwo murwi. Yamini Selemeni NDIKUMANA na Faudi NDAYISENGA bose bahora bakina hanze umurwi Vital’O wabatahukanye, bakaba bagiye kuwukinira.

Ntivyari bimenyerewe aho umurwi wo mu Burundi ugura abakinyi bari basanzwe bakina hanze, ukabaha amasezerano.

JPEG - 61.3 ko
Yamini Selemeni NDIKUMANA yahora muri Primeiro de Augosto yo muri Angola

Yamini Selemani Ndikumana yahora akina mu murwi wa Primeiro de Augosto wo muri Angola, mu gihe Fuady Ndayisenga yakina mu gihugu ca Kenya mu murwi wa Sofapaka.

JPEG - 78 ko
Fuady Ndayisenga yakina mu gihugu ca Kenya mu murwi wa Sofapaka

Bompi baguzwe muri Vital’O, bahabwa amasezerano mashasha.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.