Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O yaraye ikoze ibitangaza muri CECAFA "Kagame Cup"
Vital’O yaraye ikoze ibitangaza muri CECAFA "Kagame Cup"
vendredi 28 Ruheshi 2013
Ku musi w’ejo kuwa kane niho habaye inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma mw’ihiganwa rya CECAFA “KAGAME CUP”. Umurwi Vital’o FC waserukiye igihugu c’Uburundi waraye ukoze ibitangaza muri iryo higanwa aho watsinze umurwi wa Ports yo mu gihugu ca Djibuti ibitsindo 6 ku busa.
Urwo rukino rw’umurwi wa Vitalo’o rwabonetsemwo ubuhinga bwinshi bwa Vital’o kuko basa n’abariko bakina n’umurwi udahari. Abasatirizi ba Vital’o barorohewe cane kandi batsinze ibitsindo vyiza cane, vy’ubuhinga ku buryo abariko bararaba urwo rukino bavuze ko uwo murwi w’Uburundi ufise amahirwe yo kuba wotwara igikombe c’iryo higanwa.
Mu batsindiye uwo murwi wa Vitalo’o harimwo Tambwe yatsinze ibitsindo bitatu wenyene, Mbirizi igitsindo kimwe,Deo nawe atsinda ikindi hama Mjami atsinda ikindi kimwe, urukino rurangira ari ibitsindo bitandatu vya Vitalo’o ku busa bwa Ports.
Vitalo’o yaciye ironka uburenganzira bwo kuzokina igice ca kabiri gishira ica nyuma, aho izohura n’umurwi wa Rayon sports wo mu gihugu c’Urwanda kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya ya 29 Ruheshi 2013.
Urwo rukino rukaba rubandanya kuvugwako n’abantu benshi kuko abarabira hafi ivy’umupira w’amaguru bavuga ko iyo mirwi yose ikomeye ku buryo azoba ari urukino rukomeye muri iryo higanwa, kandi bakamenyesha ko umurwi uzotsinda muri iyo uzoba ufise amahirwe yo kuba yonatwara igikombe ca CECAFA “Kagame Cup”.
Ku mpande z’abamenyereza n’abakinyi b’iyo mirwi bose batangaza ko ata bwoba na buke bafise. Muri Rayon Sports bati : “Nta bwoba dufitiye umurwi wa Vitatalo’o”. Vitalo’o nayo iti : “Rayon Sports ni umurwi ukomeye muri iyi minsi ariko rero nta bwoba tuwufitiye kuko n’uyu murwi twatsinze ibitsindo 6 ku busa nawo wageze mu gice ca kane gishira ica nyuma ataruko woroshe”.

Joel Sengurebe
Messages
28 Ruheshi 2013, 07:23, par TOTO
mukomere bana bacu ico gikombe turakirindiriye iwacu i Burundi, rayon sport ntibatere ubwoba kuko irazi ko umupira muwigira hejuru ya tanganyika. bravo bravo bravo
28 Ruheshi 2013, 14:28, par ubuhinga
Turakeje umugwi uhagarariye u Burundi kandi muterimbere nk umuzinga
su bwambere muzoba mutsinze imigwi yi Rwanda
29 Ruheshi 2013, 00:35, par murundi
Ndaba ndeba uko Rayon icakirana na Vital’o. Nje ndafana Rayon Sports.
29 Ruheshi 2013, 03:09, par jonathan
ni byiza cane gwose rayon sports nakana cane turabatsinda ibitsindo bibiri kubusa hama APR tuzoyitsinde 3 murakoze turabakunda cane mudushikiriza amakuru yose
29 Ruheshi 2013, 03:09, par jonathan
ni byiza cane gwose rayon sports nakana cane turabatsinda ibitsindo bibiri kubusa hama APR tuzoyitsinde 3 murakoze turabakunda cane mudushikiriza amakuru yose
29 Ruheshi 2013, 04:17, par schaaaaaaa
ndazi nibatawiba nkunko tumenyerey igikonkombe nicacu peeee turakirindiriye iburundi kabisa komera komera
1er Mukakaro 2013, 10:17, par Soso
VITALO’O itahukanye iri higanwa vyoba ari vyiza gwose kuko vyoba bihuriranye núkwikukira kwacu abarundi Mana udufashe