IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Vital’O yatsinze Inter Stars, Laudit MAVUGO aguma mu kibanza ca (...)

Vital’O yatsinze Inter Stars, Laudit MAVUGO aguma mu kibanza ca mbere

vendredi 4 Ntwarante 2016, par egide

Umurwi wa Vital’O ubandanya kuvyifatamwo neza mu nkino zo muri PRIMUS League, akaba ari nayo murwi ukiri mu kibanza ca mbere, ukarusha amanota 10 yose umurwi wa kabiri ariwo Message Ngozi. N’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi muri iryo higanwa ava muri Vital’O, Laudit MAVUGO, akaba arusha ibitsindo 14 vyose uwumukurikira, nawe nyene wo muri Vital’O.

Mu rukino rwabaye ku muhingamo wo kuri uwu wa kane igenekerezo rya 3 Ntwarante 2016 ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, umurwi wa Vital’O wanyagiye Inter Stars ibitsindo bine ku busa. Ivyo bitsindo vya Vital’O, bibiri vyinjijwe na Laudit MAVUGO, Shasiri kimwe hamwe na Tchabalala kimwe nyene)

Uko imirwi yatsindanye

Aigle Noir 0 - 0 Olympic Muremera
Les Eléphants 4 - 0 Les Crocos FC
Messager Bujumbura 1 - 5 Messager Ngozi
Muzinga 2 - 1 Nyanza United
Bujumbura City 1 - 1 LLB Sports4 Africa
Athletico Olympic 1 - 2 Flambeau de l’Est
Inter Stars 0 - 4 Vital’O FC

Uko imirwi irushana amanota n’ibitsindo

1. Vital’o FC : Amanota 61 n’ibitsindo 49
2. Messager Ngozi : Amanota 51 n’ibitsindo 21
3. Muzinga : Amanota 40 n’ibitsindo 14
4. Athletico Olympic : Amanota 37 n’ibitsindo 12
5. LLB Sports4Africa : Amanota 35 n’ibitsindo 11
6. Aigle Noir : Amanota 35 n’ibitsindo 6
7. Bujumbura City : Amanota 34 n’ibitsindo 8
8. Olympic Star : Amanota 31 n’ibitsindo 6
9. Messager Bujumbura : Amanota 28 n’ibitsindo -10
10. Olympic Muremera :Amanota 27 n’ibitsindo -16
11. Flambeau de l’Est : Amanota 25 n’ibitsindo -4
12. Nyanza United : Amanota 25 n’ibitsindo -6
13. Inter Stars : Amanota 23 n’ibitsindo -12
14. Les Crocos FC : Amanota 22 n’ibitsindo -10
15. Les Eléphants : Amanota 17 n’ibitsindo -17
16. Les Jeunes Athlétiques : Amanota 14 n’ibitsindo -32

Batatu ba mbere bafise ibitsindo vyinshi

1. Mavugo Laudit wa Vital’o FC : Ibitsindo 27

2.Nahimana Shasiri wa Vital’O FC : Ibitsindo 13

3. Idrissa Ramadhan wa Messager Bujumbura : Ibitsindo 12


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.