Vyinshi kuri Zebiya Ngendakumana avuga ko abonekerwa

Yanditswe na Raymond Nzimana
Kuya 28 Kigarama 2012 saa 05:35
Yasomwe : 44820
0 0

Umwigeme zebiya ngendakumana avuga ko abonekerwa yamenyekanye gute kugira ahurumbirwe n’abantu benshi. Bamwe bavuga ko vyatumwe n’iparuwasi yiwabo muri komine Gahombo intara ya Kayanza abandi nabo bati yabanje kunyika amara igihe kinini atawuzi iyari.
Bamwe mu babanyi n’umuryango w’umwigeme Zebiya Ngendakumana avuga ko abonekerwa ntibahuriza kucatumye uyo mwigeme amenyekana. Bamwe twasanze ku musozi Rusha i Businde muri komine Gahombo intara ya Kayanza aho avuka batubwiye ko vyakozwe na (...)

Umwigeme zebiya ngendakumana avuga ko abonekerwa yamenyekanye gute kugira ahurumbirwe n’abantu benshi. Bamwe bavuga ko vyatumwe n’iparuwasi yiwabo muri komine Gahombo intara ya Kayanza abandi nabo bati yabanje kunyika amara igihe kinini atawuzi iyari.

Bamwe mu babanyi n’umuryango w’umwigeme Zebiya Ngendakumana avuga ko abonekerwa ntibahuriza kucatumye uyo mwigeme amenyekana. Bamwe twasanze ku musozi Rusha i Businde muri komine Gahombo intara ya Kayanza aho avuka batubwiye ko vyakozwe na Paroisse Rukago igihe hibukwa umweranda Doroteya ,ngo iyo Paroisse yahaye ibinyobwa vy’abana uyo mwigeme aca akora umunsi mukuru wo gusenga ku musozi Rusha aho rero ngo abana benshi baciye batangura gukwirikira Zebiya .

Abandi nabo bemeza ko umwigeme Zebiya Ngendakumana yamenyekanye kubera umugwizatunga w’i Bujumbura hamwe n’umufurera wo muri katorika batanze amafaranga yo kubaka ikibanza Zebiya n’abayoboke biwe basengeramwo hamwe n’ibarabara rigana kwa Zebiya. Ikindi abo bantu bakoze ngo barondeye abaza gusengera muri ico kibanza eka mbere baranubakiye amazu uyo mwigeme.
Tubajije abageze mu zabukuru twasanze aho kuri uyo musozi bo batubwiye ko Zebiya yabanje kuzimira amezi atatu atawuzi irengero ryiwe agaruka avuga ko abonekerwa. Izayi Sibomana azwi kw’izina rya Zaya, se wabo wa Zebiya yatubwiye ko Zebiya yagiye kuramutsa sekuru i Nyagatobo bamutumye kuvoma mu ruzi rwitwa Ikinyangundu ngo yaciye anyika baramuhiga baramubura,bamutoye ngo yaje nk’abandi bana ariko ngo aca atangura gusengesha.

Uwundi twavuganye yemeza ko bakuranye na Zebiya yatubwiye ko uyo mwigeme yatanguye kubabwira ko azobonekerwa akiri muto kandi ko yababwiye ko hari ahantu yagiye na nyina atabizi ngo akurwayo na inakuru atanze intama, umutsima w’ubugari bw’ibigori hamwe n’inzoga.

Abayoboke ba Zebiya twavuganye bobo bamirira kure ko Zebiya yoba yaranyitse,ariko baremeza ko uyo mwigeme avuga ko abonekerwa yamaze igihe abavyeyi biwe batazi iyo ari,abo basengera kwa Zebiya bakavuga ko yari kwa inakuru.
Umwigeme Zebiya Ngendakumana yemeza ko yatanguye kubonekerwa akiri muto. Afise imyaka 4 ngo yabonekewe n’umumalayika, afise imyaka 5 ngo yabonekewe na BikiraMariye hanyu afise imyaka 12 ngo yabonekewe na Yesu ari nawe ngo yamuhaye ubutumwa atanga ubu.

Haraheze ikibanza yahora asengesherezamwo i Buainde muri komine Ghombo intara ya Kayanza gicunzwe n’abapolisi kugira bamubuze n’abayoboke biwe. Bulamatari wa kayanza n’abarongoye ekeleziya katolika i mu Kayanza baramubujije gusubira kuhasengera na rimwe. Hari n’abantu bafunzwe kubera bagiye gusengeramuri ico kibanza.

kw’ifoto:Umwigeme Zebiya Ngendakumana


Kumenyekanisha

1
Nduwamungu Noe 8-04-2017 à 09:18

Jewe Icombona Uwo Mwigeme Zebiya Ngendakumana.Ndavyumvise Jewe Ndashobora Kwemeza Ko Yoba Abonekerw.

2
Ndagijimana Sylvain 27-03-2017 à 23:27

Ishengero Ryiwe Ryitwa Ngwiki?

3
J.CLAUDE NDAHABONIMANA 23-07-2016 à 09:28

ZEBIYA NGOYARAVYAYE NIVYO?

4
J.CLAUDE NDAHABONIMANA 23-07-2016 à 09:27

ZEBIYA NGOYARAVYAYE NIVYO?

5
Gilbert 25-06-2016 à 07:27

None Ubu,zebiya Arihe?

6
MELCHIADE BIMENYI 29-12-2015 à 20:05

ISIGEZEKUMUSOZONIBIRUTIVYOBIZOZA.

7
MELCHIADE BIMENYI 29-12-2015 à 20:03

ISIGEZEKUMUSOZONIBIRUTIVYOBIZOZA.

8
damas yuda niyonyishu 26-07-2015 à 09:00

twumviseko zebiya ngenda kumana yarongowe agize mariage vyoba arivyo

9
NIZEYIMANA Joseph 22-06-2015 à 16:39

MU NYUMVIRE MUNYISHURE.NONE ZEBIYA UBU YARAREKURIWE CANKE NTARAREKURIRWA?ICONDABIVUZEKO NUKO BOMUREKA GUKO NOMURI BIBIRIYA BIRANDICWE KO MUGIHE C’IHEREZO HAZOZA ABAVUGISWA B’IBINYOMA N’AMASHENGERO MENSHI.ARIKO ICO NOHANURA ABARI MUMASHENGERO BOSE NUKO TWOSENGERANIRA UMUNYAVYAHA N’UWUTARI UMUNYAVYAHA TUKADUZWA TWESE KANDI TUKAGUMA MW’ISHENGERO TWANGURANYA.MURAKOZE IMANA IDUHARIRE ITADUHARURIYE

10
Gabin Kwizera 11-06-2015 à 19:22

Ivyo Vyose Ntagaciro Bifite Kumana Y,ukuri. Urumva Ubu Ntamuntu Numwe Acerekwa.Ivyo Nibimwe Yezu Yavuga Abahanuzi Bikinyoma. Matayo 24:36.

11
LADISLAS NDAYIZEYE 22-05-2015 à 13:34

UBWOSE KO BABABUZAGUSENGERA AHO HANTU NIKUKI BATORA AMABUYE KANDI BAVUGAKO ARI ABIMANA?

12
NDIKUMANA Emmanuel 7-01-2015 à 20:02

ZEBIYA AKWIYE GUHAGARIKA AMASE NGESHO YIWE AKABANZA AKAGIRANA AMASE ZERANO NABABIJE JWE HANYUMA BAKA MUREKA AGASENGA IMANA YIWE ATAGENDA ARABUNDABUNDA IYO ABAYO BOKE BIWE BAGIYE IBUSINDE BACA MUMIRIMA YABANYAGIHUGU BAKAYO NONA CANE BAGASIGARA BARIDOGA UWUSE NGA IMANA YUKURI NTAKINTU KIMUTSI TAZA AKORA NAKIMWE JEMBONA RETA YUBURUNDI KOYO MUFATIRA IBIHANO RUHASHA KUGIRA ABANYAGI HUGU BAHO BAREKE KUHAHO MBERA KUMIRIMA YABO ABAZEBIYA BACAMWO BABUNDA BUNDA ICIYUNVIRO CANJE CARICO

13
Michael 23-12-2014 à 11:03

Zebiya nareke kwishira hejuru ahubwo yicishe bugufi,nakare IMANA isaba kwubaha abakuru b’Eklezia na bi bihugu. ivyo kubonekerwa navyo, eregaa uwubonekerwa siwe yihayagiza:kandi sinawe abimenyesha,narindire rero yitonze ivy’IMANA ntivyihuta,nibirimwo umuco nyawo vyicisha bugufi.BIKIRA MARIA wenyene ubwiwe ntiyishize hejuru aho yumviye ko azovyara YEZU Umwana w’IMANA.none Zebiya niwe abonako ari agahambaye atokwubaha n’abamugaba? YEZU wenyene yaruba abakuru mbere nikimenyamenya ivyaba bigezweko vyose yabitunganya nk’umunyagihugu asanzwe kandi ari Umwana w’IMANA. none uwo zebiya abonekerwa gute,kandi agarariza Abakuru b’Eklezia na Leta? murakoze icipfuzo canje nico.

14
emanuel 15-03-2013 à 10:12

zebiya niyihanur e
abireke
kuko hariho abariko barabura abana abadi babe impufyi
igigi igihugukigamba

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha