IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Amerika: Xkeyscore uburyo bw’ikigo kijejwe gucungera umutekano

Amerika: Xkeyscore uburyo bw’ikigo kijejwe gucungera umutekano

vendredi 2 Myandagaro 2013

Xkeyscore ni umugambi w’ikigo kijejwe gucungera umutekano muri Amerika, NASA. Uwo mugambi ukaba ufasha mu gusuma urusaku canke gutata (espionner) ibintu vyose bikorwa n’abantu bari mu mirwi ikora iterabwoba babicishije ku muhora wa internet, bivugwa n’ikinyamakuru ‘’The guardian’’

Mbega vyoba bivuye kw’ibara rya prism? Ico kinyamakuru kimenyesha ubwo buryo bushasha bwo gucungera bise Xkeyscore. Ku bw’ikinyamakuru c’abongereza, bizotuma bakurikirana atawe barinze gusaba uruhusha ivyo umuntu akoresha umuhora ngurukanabumenyi ariko arakora. Ico kinyamakuru The Guardian, kikaba gihagaze ku mpapuro cahawe n’uwitwa Edward snowden, umugabo yatumye haba ibara prism amenyesha amabanga amwe amwe ku vyerekeye igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika ingene bocungera amakuru ahanahanwa.

Ku bw’iyo nkuru nyene bavuga bati xkeyscore ni uburyo bwa NSA buzotuma bacungera ivyo abantu bavugana biciye ku muhora wa internet, ubu abari mu mirwi yiterabwoba 300 nibo bamaze gufatwa kuva bashizeho ubwo buryo. Ubwo buryo butuma abantu babukoresha haba abari mu Burusiya,mu Bushinwa hamwe no muri Venezuela. Ababukoresha bose bajejwe gusuzuma ivyo abantu baba bavuganye haba ku butumwa bugufi (sms), ivyo barondeye mu mashini hamwe n’ukuntu bakoresha ya mihora yo mu kibano (facebook,twitter ivyo abantu bavuganye vyose mu bwiherero canke ndetse na kandi kantu kose umuntu aba yakoze barabiraba kugira bishoboke batore abo bantu batera ubwoba.

Igitandukanye kuri bwo buryo bwo gucunga abantu hamwe n’ubundi buryo bwahora bukoreshwa kare, ni ukWo ushobora gutora umntu umucishije ku tuntu yigeze kurondera acishije ku muhora w’ubuhinga ngurukanabumenyi. Umuvugizi mukuru w’umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika yavuze kuri uno wa 31 Mukakaro ko Jay carney aho yabazwa ko inama nshingamateka yoba yarizi uwo buryo, yabahakaniye ko ataho bahora baraba ivyo abantu bavugana .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.