IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Yahawe igihano co kumara umwaka wose adakoresha facebook

Yahawe igihano co kumara umwaka wose adakoresha facebook

mercredi 27 Ntwarante 2013

Ubucamanza bwa Canada muri Manitoba bwahaye igihano co kumara umwaka wose adakoresheje umuhora wa facebook umunyeshure w’imyaka 12, inyuma y’aho akoreye iterabwoba bagenzi we babiri abicishije kuri uwo muhora.

Uwo muyabaga yari yivugiye we nyene ko azokwica abo bagenzi biwe babiri b’imyaka 13. Ivyo tubishikirizwa n’ikinyamakuru co muri ico gisagara « Le Brandon Sun ». Ico kinyamakuru kibandanya kivuga ko uwo munyeshure azorumanya amasaha mirongo itanu akora ibikorwa vy’iterambere rusangi.

Ivyo bihano nivyo yari yari yasabiwe n’abamuburanya, mu gihe abamuburanira bashikiriza ko uwo muhora wa facebook ari « nkenerwa ku bakiri bato » ko ari nayo mpamvu batomubuza kuwukoresha. Nyina w’uwo mwana we yivugiye ati :" ku bwanje, niyumvira ko facebook atariyo akeneye cane kuruta ibindi vyose".

Uwo munyeshure yaremeye ivyo yagirizwa ariko abwira ubutungane ko umwe muri abo bagenzi biwe yamutwaye umuhungu bikundanira, ari naco catumye akora iryo terabwoba.

Umuvyeyi w’umwe muri abo bana bakozweko iterabwoba niwe yituye inyamiramabi, kuko vyagaragaye ko ritabaye irya mbere uwo mukobwa yagirizwa ico caha, kuko no muri kahise yanabiherewe igihano.

Twibutse ko amategeko agenga abakoresha umuhora wa Facebook aha uburenganzira abafise imyaka itari musi ya 13, ariko benshi barabesha ku myaka yabo kugira bironkere ubwo burenganzira.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.