Accueil > Inkino > FOOTBALL > Yaya Toure yaronse agashimwe ka BBC k’umukinyi w’umunyafrika yigenjejeje (...)
Yaya Toure yaronse agashimwe ka BBC k’umukinyi w’umunyafrika yigenjejeje neza
samedi 12 Kigarama 2015
Umukinyi ava mu gihugu ca Cote d’Ivoire,akinira kandi umurwi wa Manchester City mu gihugu c’Ubwongereza Yaya Toure ni we yatsindiye agashimwe ka BBC k’umukinyi mwiza ava ku mugabane wa Afrika ko mu mwaka w’2015.
Yaya Toure afise imyaka 32 y’amavuko , abaye uwa gatatu, inyuma y’abanye Nigeria Nwankwo Kanu na Jay-Jay Okocha, batsindiye ako gashimwe incuro zibiri.
Abakunzi b’umupira w’amaguru bahaye amajwi menshi Yaya Toure, gusumba Yacine Brahimi, Pierre-Emerick Aubameyang, Andre Ayew na Sadio Mane. Yaya Toure yaheruka gutsindira ako gashimwe mu mwaka w’2013.
Ahejeje kuronka ako gashimwe Yaya Toure yabwiye iradiyo y’abongereza BBC ko anezerewe kuko amaze igihe agira uruhara rukomeye muri ako gashimwe kandi guhabwa ako gashimwe biciye ku bakunzi ari ibintu bitangaje.
Yassin Brahimi ava mu gihugu ca Algerie yarigeze gutsindira ako gashimwe mu mwaka w’2014, Andre Ayew ava mu gihugu ca Ghana, agatwara mu mwaka w’2011.
Van Naris Mugisha
Messages
12 Kigarama 2015, 16:41, par Yvette Bcm.
Mbe!Abo Bavuga Ngo Reta Y,uburundi Yumvikane Nabateye Akajagari Mugihuku Nibo Babatumye?Babonye Ko Uburundi Butaruzwa Bufise Imana.N,ingabo Sifise Ubukerebutsi No kutarambi Bwokwivuna Ibinywamaraso Ngo Reta Y,igumye!Erega Uburundi Ntangorane Burimwo Sauf K Abashaka Kubukamisha Aribo Bakokeza.Mbe Intara Zigize Uburundi Nizingahe?Abarundi Tungana Imillione Zingahe?Abobatera Akaguma Bagizwe Nayahe Ama Quartier?Hahaaa Muraraba Neza Ko Atari Babandi Bari Barafash Uburundi K,icibare Cabo .Ubu Babonye Ko Batazosubira Kubucakira Vuba.Bakemera Kwiyahura Ngo Bite Mumuriro.Sha Ukina N,intare Ikakujanjanga?Aha Ni Mureke Mutwagwe Nabandi BaribarativyiAhaaa Nibukako Igihe Buyoya Ari Kubutegets Ko Hari Imihari Yabagwanyi Yari Mukibira Kandi Habaye Igitero Bakiyemerera Ko Aribo Bateye.None Nuwahe Muhari Canke Ikiroberi Catey Amakambi Y,igisirikare?Mbe Umuti Nuwo Gusesa Amaraso?Sha Amanyama Arasara Ntasabwa.Kandi Ugwikarihije Ruramumwa!Mbe Iyo Ngwano Yokwica Abenegihugu N,abajejwe Umutekano Mugutera Amagerenade.Niko Gusaba?
19 Kigarama 2015, 20:51, par rutanisavalens
Yaragakwiye.