Zinedine Zidane yagenywe kumenyereza Real Madrid

Yanditswe na IGIHE
Kuya 5 Nzero 2016 saa 12:24
Yasomwe : 14571
0 0

Zinedine Zidane yahoze akinira umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa na Real Madrid yagenywe gusubirira umumenyereza Rafael Benitez mu kumenyereza umurwi wa Real Madrid wo mu gihugu ca Espagne.
Umumenyereza mushasha wa Real Madrid Zinedine Zidane yagenywe mu mabanga yo kumenyereza Real Madrid kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 Nzero 2016.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ,umuyobozi w’umurwi wa Real Madrid Florentino Pérez yavuze ko ari umunezero kuri we kuba Zinedine Zidane agiye (...)

Zinedine Zidane yahoze akinira umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa na Real Madrid yagenywe gusubirira umumenyereza Rafael Benitez mu kumenyereza umurwi wa Real Madrid wo mu gihugu ca Espagne.

Umumenyereza mushasha wa Real Madrid Zinedine Zidane yagenywe mu mabanga yo kumenyereza Real Madrid kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 Nzero 2016.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ,umuyobozi w’umurwi wa Real Madrid Florentino Pérez yavuze ko ari umunezero kuri we kuba Zinedine Zidane agiye kumenyereza umurwi arongoye.

Zinedine Zidane afise imyaka 43 y’amavuko yari asanzwe amenyereza umurwi ugira kabiri wa Real Madrid kuva mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’2014.

Kubwa Lilian Thuram bakinanye mu murwi nserukiragihugu w’Ubufaransa,Zinedine Zidane ni umuntu afise uburongozi bukomeye kandi aciye ubwenge,azi kubana n’abandi.Yavuze ko ata nkeka azoshobora gukorana neza n’abakinyi nka Christian Ronaldo.

Mw’ijambo ritoya yashikirije abamenyeshamakuru,Zinedine Zidane yavuze ko ashimira umurwi wa mbere kw’isi kuba wemeye kumuha akaryo ko kuwumenyereza,aca amenyesha ko azoshiramwo umutima wose mu gikorwa ahawe.


Kumenyekanisha

1
Pizzo 25-01-2016 à 17:14

I’m very proud 2 listen that, koz I like how Zidane played and I thing that how he will coatch my team...
Real Madrid forever.

2
NKESHIMANA ALLIANCE 8-01-2016 à 14:02

NDANEZEREWE CANE GOSE NDI ALLIANCE UMUKUMYI WO FC GAZEL RUHINGA

3
Ntirandekura 8-01-2016 à 06:13

Nivyiza Caaaaan Zinedin Urakaz, Neza Mumugwu Wacu,dukunda Real Madride Natwe Abafa, Nihoturi.

4
Ntirandekura 8-01-2016 à 06:11

Nivyiza Caaaaan Zinedin Urakaz, Neza Mumugwu Wacu,dukunda Real Madride Natwe Abana, Nihoturi.

5
fabrice niyongendako 7-01-2016 à 13:56

ego cane

6
Aardgmg 6-01-2016 à 21:45

Nibyiza Pepe Pepe Pee

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha