Umurwi w’igihugu ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB (commission Nationale des terres et autres biens) utera akamo abantu batumwako n’uyo murwi ntibitabe kuvavanura n’iyo ngendo kuko uwutazokwitaba ubutumire yahawe incuro 3 urubanza ruzoca rucibwa impaga.
Amatongo
-
Umurwi CNTB uvuga ko abatumwako ntibitabe mu manza ,urubanza ruzoca rucibwa impaga
4 July 2018, by vianney -
Igiciro c’ikawa ihishiye cashizwe ku majana atanu mw’isizeni 2018-2019
30 mars 2018Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi,amenyesha ko kw’isizeni y’umwaka wa 2018 ushira uwa 2019, hitezwe umwimbu ugera ku matoni 20000 w’ikawa ishoka hanze, mu gihe mu yandi masizeni batari bwashike kur’uwo mwimbu. Dr Deo Guide RUREMA avuga ko, icatumye umwimbu wiyongera, ari ugutunganya neza izo gisata bafashijwe n’Ibanki y’isi yose, nayo ikiro c’ikwa ihishiye kikaba kizogurwa amafaranga 500 y’amarundi.
-
Abanyagihugu basabwa kubika umwimbu wabo mu bigega rusangi
15 février 2018Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi busaba abarimyi kubungabunga umwimbu baronse mu gice ca mbere c’iyimbura, mu kuwushira mu bigega rusangi, kugira bazowukoreshe igihe bizoba bikenewe.
-
Inama Nshingamateka yize itegeko rigenga ingene ibitungwa bigaburirwa
2 novembre 2017Inyuma y’urugendo rw’umugwi w’abashingamateka ujejwe ibibazo vy’uburimyi n’ubworozi mu ntara 16 ,Inama nshingamateka yize yongera iraca hirya no hino integuro y’ibwirizwa ryerekeye ukugaburira ibitungwa mu mpongore n’ukubuza ko biragirwa kugira bifashe ko ibitungwa bitanga umwimbu mwiza w’amata ,inyama hamwe n’ibindi.
-
Umukuru w’umurwi CNTB asaba abafasha gutanga uburyo kugira umurwi ukorere neza abawitura
15 Ntwarante 2017Umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo CNTB usaba Reta kwongereza uburyo iha uwo murwi kugira ushobora gutunganiriza neza abawitura.
Ashikiriza ivyaranguwe n’umurwi ujejwe gutatura amatati y’amatongo n’ayandi matungo kuva mu mwaka wa 2015,umukuru w’umurwi Martin MBAZUMUTIMA yamenyesheje ko naho hari abategerezwa gutanga uburyo batabutanze ,umurwi CNTB washoboye gutunganiriza abawituye.
Martin MBAZUMUTIMA yavuze ko hari amadosiye ibihumbi 12 akiri mu mirwi yo mu ntara ,mu (...) -
Carama : Bamwe mu bategetsi bagirijwe kwubaka mu kibanza cagenewe inzira
23 Ndamukiza 2015Bamwe mu banyagihugu bo mu Carama baragiriza igisata kijejwe gutunganya ibisagara ko gitanga bimwe mu bibanza, biba vyabikiwe inzira zo gucamwo, ivyo navyo bikubakwamwo amazu.
Mu Carama ya mbere, abanyagihugu bavuga ko ahari hagenewe kuzoca ibarabara, ariho hagarutse hahabwa abantu babiri, ndetse baja bari banatanguye kuhubaka. Impari rero zikaba zaciye zivyuka, aho abanyagihugu bari basanzwe baba aho hantu, barahiye ko abo bashasha batohubaka, kandi ari ikibanza cagenewe ibarabara. Ivyo (...) -
Rumonge : Buca bagaruka ku biro vy’umuhuza hamwe atoshira mu ngiro ivyo yabemereye
6 Ruhuhuma 2014Abanyagihugu bo ku Rukinga muri komine ya Rumonge bavuga ko n’ubu bakirindiriye urugendo rw’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara muri iyo komine, mu gihe bitwaye bavuga ko baranduriwe imirima n’abakozi barungitswe na musitanteri.
Igihe abo banyagihugu bayaga n’ikinyamakuru IGIHE kuri uyu wa kane igenekerezo rya 6 Ruhuhuma uyu mwaka, bavuga ko aho baherukira kuza kugaragariza umubabaro wabo imbere y’ibiro vy’umuhuza w’abarundi, yari yabasavye ko bosubira mu mihana iwabo, kugira aze ashobore kwishikira (...)