Pierre Claver NIZIGIYIMANA arongoye ishirahamwe risanzwe rihingura umukara mw’iyarara « Urunani Dutezanye imbere » amenyeshako ibikorwa barangura mw’ishirahamwe ryabo bifasha kugwanya amayarara yibonekeza hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura.
Accueil > Amakuru > ishirahamwe
ishirahamwe
-
Ishirahamwe Dutezanye Imbere rivuga ko ibikorwa vyaryo bifasha kugwanya amayarara mu gisagara
12 November 2018, by vianney -
REGIDESO ivuga ko itangwa ry’amazi rizogenda nabi muri Mukaza na Ntahangwa
9 November 2018, by vianneyIshirahamwe REGIDESO rimenyeshako k’umusi wa gatandatu igenekerezo rya 10 Munyonyo umwaka wa 2018 itangwa ry’amazi ritazogenda neza mu ma karitiye yo mu makomine ya Mukaza na Ntahangwa kubera ibikorwa vyo gusanura umuringoti.
-
Pascal BARANDAGIYE avuga ko amashirahamwe 25 ariyo amaze kwiyandikisha
5 November 2018, by vianneyUmushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu Pascal BARANDAGIYE amenyeshako amashirahamwe mpuzamakungu angana 25 ariyo amaze kwiyandikisha hisunzwe itegeko rishasha riyagenga hamwe n’amashirahamwe 11 yatanze amadosiye ariko adakwije ibisabwa.
-
PARCEM rivuga ko ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro ataco washitseko
26 October 2018, by vianneyIshirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyeshako ribabajwe no kubona umuce wa 5 w’ibiganiro biheruka kuba i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya ataco vyashitseko kuko hari uruhande rumwe rwavyitavye hamwe n’urundi rutitavye ivyo biganiro.
-
ATRABU: hagiye kujaho ishure rizokarihiriza ubumenyi abashoferi
25 October 2018, by vianneyUmuvugizi akaba n’umunyamabanga w’ishirahamwe ry’abatwara abantu n’ibintu ATRABU,Charles NTIRAMPEBA amenyeshako hagiye gushingwa ishure ryigisha abashoferi batwara abantu n’ibintu mu ntumbero yo kubakarihiriza ubumenyi.
-
Rainbow Mining Burundi yemerewe gusubira gukora ibikorwa ryavyo
18 October 2018, by vianneyIshirahamwe ricukura ubutare Rainbow Mining Burundi ryemerewe kubandanya ibikorwa ryavyo imyuma yaho amashirahamwe akorera mu gisata co gucukura ubutare ahagaritswe asabwa gukora yisunze itegeko rigenga ico gisata.
-
CAPES+ na PISC-BURUNDI asaba Reta kubaza ibizokwigirwa mu biganiro vyimirije
17 October 2018, by vianneyAmashirahamwe CAPES + na PISC –BURUNDI yasaba reta y’Uburundi kubaza ibizokwigirwa mu biganiro vyimirije hamwe no kumenyeshwa abantu bose batumiwe mu biganiro vyo ku ncuro ya 5 bigiye kuba mu misi iri imbere.
-
PARCEM isaba abanyeporitike gufasha gutorera umuti ikibazo c’ubukene kiri mu gihugu
17 October 2018, by vianneyIshirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM risaba abanyeporitike b’Uburundi gukora ibishoboka kugira bafashe gutorera umuti ikibazo c’ubukene kiri mu gihugu.
-
PARCEM isaba inama yo ku rwego rwo hejuru yiga ikibazo c’amasanganya yabaye ndanse
9 October 2018, by vianneyIshirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM risaba ko haba inama yihuta yo ku rwego rwo hejuru mu gihugu kugira itorere umuti ikibazo c’amasanganya yibonekeza mu mihingo itandukanya y’igihugu murino misi.
-
Urunani ASSUR ruvuga ko rugiye gutunganya inama yo kuduza umwimbu w’amashirahamwe yarwo
8 October 2018, by vianneyUrunani rw’amashirahamwe ategekaniriza gushumbusha mu gihe c’impanuka ASSUR(Association des Societes d’assurance du Burundi) rugiye gutunganya inama ya mbere rukokoma ihuza abantu bose begwa n’ico gisata mu ntumbero yo kuduza umwimbu w’ayo mashirahamwe.