Reta y’igihugu ca Tanzaniya yatanze amategeko ngenderwako abuza abakozi ba Reta gukoresha imbuga ngurukanabumenyi mu gihe c’amasaha y’akazi mu ntumbero yo kwitaho gutunganiriza abanyagihugu babitura muvyo bajejwe kubafasha.
Ubuseruko
-
Tanzaniya: Abakozi ba reta babujijwe gukoreshwa imbuga ngurukanabumenyi mu masaha y’akazi
30 August 2018, by vianney -
Kenya:Abanyagihugu barababajwe n’abanyeporitike bakoresheje amafaranga ya Reta
12 July 2018, by vianneyAbanyagihugu muri Kenya barababajwe kubona abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bo murico gihugu bashika 20 bakoresheje amafaranga ya Reta kugira baje mu gihugu c’Uburusiya kurorera inkino z’igikombe c’isi ziriko zirahabera.
-
Kenya : Umupatiri yigisha akoresheje RAP yahagaritswe mu bikorwa
25 juin 2018Ishengero katorika ryo mu gihugu ca Kenya, ryahagaritse umupatiri yigisha abakristu akoresheje umuziki mu mudiho wa Rap, nk’uburyo bwo gutuma abo yigisha bamukurikira kandi bakemera Imana.
-
Ubuganda : Uwatoye ubuhinga bwo gupima malariya hadakoreshejwe amaraso yahawe agashimwe
15 juin 2018Umuhungu ava mu gihugu c’Ubuganda, yatanguje igikoresho gipima indwara ya Marariya hadakoreshejwe amaraso, yahawe agashimwe.
-
Kenya:Abarovyi 109 b’abatanzaniya bafashwe
8 June 2018, by vianneyAbarovyi bangana 109 bava mu gihugu ca Tanzaniya nibo bafashwe n’abasirikare b’igihugu ca Kenya bakora uburovyi butemewe n’amategeko mu mazi y’ibahari y’Ubuhindi yo k’uruhande rwa Kenya
-
Kenya : Abantu 10 bitavye Imana mw’isanganya ry’indege
8 juin 2018Abantu 10 nibo bitavye Imana mw’isanganya ry’indege y’ishirahamwe FlySax ryabaye mu karere kitwa Aberdares, ku birometero 80 mu buraruko bw’umurwa mukuru w’igihugu Nairobi.
-
Kenya : Cuba yarungitse abaganga bafasha ahari bake
6 juin 2018Abaganga mirongo itanu bavuye mu gihugu ca Cuba bari mu gihugu ca Kenya, mu ntumbero yo gufasha kurwiza igitigiri c’abaganga, mu turere twa Kenya tubuzemwo abaganga.
-
Barack Obama aritezwe mu rugendo mu gihugu ca Kenya
4 juin 2018Barack Obama yahoze arongoye igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, aritezwe mu gihugu ca Kenya, mu rugendo azogira kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi 2018.
-
Tanzaniya : Amahasa yavutse afatanye yitavye Imana
3 juin 2018Amahasa y’abakobwa, Maria na Consalata, ,yavutse afatanye mu gihugu ca Tanzaniya, yitavye Imana ashitse muri kaminuza. Yitavye Imana mu bitaro vya Iringa mu gihugu ca Tanzaniya.
-
Ubuganda : Inama nshingamateka yemeje itegeko ribuza kugurisha imodoka zirenza imyaka 15
2 juin 2018Inama nshingamateka y’Ubuganda yemeje itegeko ryihanikiza igurishwa ry’imodoka zirenza imyaka 15 zikozwe. Ivuga ko bizofasha kugabanya imyuka mibi iri mu kirere n’amasanganya yo mw’ibarabara.