IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Barack Obama aritezwe mu rugendo mu gihugu ca Kenya

Barack Obama aritezwe mu rugendo mu gihugu ca Kenya

lundi 4 juin 2018

Muri urwo rugendo rw’umunsi umwe, bivugwa ko Barack Obama azogiranira ibiganiro n’umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, imbere y’uko aja kuramutsa abo mu muryango wiwe mu gace ka K’Ogelo aho basekuruza biwe bavuka.

Urugendo rwa Barack Obama, azorubandaniriza mu gihugu ca Afrika y’Epfo, mu biganiro vyama biba ku mwaka ku mwaka, vyitiriwe Nelson Mandela yahoze arongoye ico gihugu.

Ikinyamakuru The East African, kimenyesha ariko ko, Barack Obama atazoba ari kumwe n’umuryango wiwe.

Izoba ari incuro ya mbere Barack Obama agendeye igihugu ca Kenya kuva avuye ku butegetsi mu kwezi kwa mbere, umwaka uheze wa 2017, mu gihe muri rusangi amaze kugendera ico gihugu incuro zitatu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.