Kenya : Umupatiri yigisha akoresheje RAP yahagaritswe mu bikorwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 25 juin 2018 saa 01:16
20685
0 0

Ishengero katorika ryo mu gihugu ca Kenya, ryahagaritse umupatiri yigisha abakristu akoresheje umuziki mu mudiho wa Rap, nk’uburyo bwo gutuma abo yigisha bamukurikira kandi bakemera Imana.

Uwo mupatiri Paul Ogalo n’uwo muri Paruwasi yitiriwe umweranda Monika y’ahitwa Rapogi mu Ntara ya Migori yo mu Bumanuko bushira Uburengero bw’umurwa mukuru Nairobi, yahagaritswe ku wa 3 Ruheshi 2018, yagirizwa imyifato mibi.

Ikinyamakuru Daily Nation canditse ko uwo mupatiri w’imyaka 45 yakunda kunezereza abo yasomeye imisa abicishije mu muziki w’umudiho wa Rap, avuga ko awukoresha mu kwumvisha urwaruka ko rwokwihana.

Uwo mupatiri yatangaje benshi , kuko uretse umwanya munini yamara yambaye impuzu z’abapatiri, yafata n’umwanya akambara nk’abakiri bato, akambara ikabutura nini, ishati n’agatambara mu mutwe agatanga ubutumwa akoresheje umuziki, abamukurikiye bagatamba birekuye.

Patiri Paul Ogalo yavuze ko nk’uwukiri muto, yumva afise iikorwa co kwegera abakiri bato kugira abafashe kuva mu kibi akoresheje ubutumwa acisha mu nkino n’umuziki.

Patiri Charles Kochiel, umucamanza muri sentare y’ishengero katorika i Kisumu, yemeje ko Patiri Ogalo yahagaritswe inyuma y’umwaka higwa ingene yigisha abicishije mu muziki.

Ingingo yo guhagarika patiri Paul Ogalo yavuzweko cane ku buhinga ngurukanabumenyi, bamwe bakaba bashimye abandi bavuga ko ari ingingo izotuma abakiri bato bava mw’ishengero katorika.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha