Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Inama nshingamateka yemeje itegeko ribuza kugurisha imodoka (...)
Ubuganda : Inama nshingamateka yemeje itegeko ribuza kugurisha imodoka zirenza imyaka 15
samedi 2 juin 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Inama nshingamateka imaze igihe ihanahana ivyiyumviro ku bibazo vy’ivyuka bibangamiye ikirere hamwe no ku mpanuka zo mu mabarabara.
Muri iyo ntumbero nyene, nk’uko urubuga rwa BBC rubimenyesha, Reta yatanze itegeko ko ikigandaro c’iminsi itatu ku bantu 20 baguye mw’isanganya ry’imodoka mu ndwi iheze.
Abagurisha imodoka ntibakiriye neza iyo ngingo, basigura ko kutinjiza imodoka zirenza imyaka 15 bizotuma abantu benshi babura akazi, bigatuma n’abaganda basanzwe bakenye badashobora kugura imiduga.
Umukuru w’igihugu c’Ubuganda, Yoweri Museveni, ategekanya gushira umukono kuri iryo tegeko rishasha, ritegekanywa kuja mu ngiro kuva mu ntango y’ukwezi kw’indwi.
MUGISHA Van Naris