Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubuganda : Inama nshingamateka yemeje itegeko ribuza kugurisha imodoka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ubuganda : Inama nshingamateka yemeje itegeko ribuza kugurisha imodoka (...)

Ubuganda : Inama nshingamateka yemeje itegeko ribuza kugurisha imodoka zirenza imyaka 15

samedi 2 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Inama nshingamateka imaze igihe ihanahana ivyiyumviro ku bibazo vy’ivyuka bibangamiye ikirere hamwe no ku mpanuka zo mu mabarabara.

Muri iyo ntumbero nyene, nk’uko urubuga rwa BBC rubimenyesha, Reta yatanze itegeko ko ikigandaro c’iminsi itatu ku bantu 20 baguye mw’isanganya ry’imodoka mu ndwi iheze.

Abagurisha imodoka ntibakiriye neza iyo ngingo, basigura ko kutinjiza imodoka zirenza imyaka 15 bizotuma abantu benshi babura akazi, bigatuma n’abaganda basanzwe bakenye badashobora kugura imiduga.

Umukuru w’igihugu c’Ubuganda, Yoweri Museveni, ategekanya gushira umukono kuri iryo tegeko rishasha, ritegekanywa kuja mu ngiro kuva mu ntango y’ukwezi kw’indwi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.