Sentare nkuru y’igihugu ya Ntahangwa yaciriye umunyororo w’impaga w’umwaka 1 n’amezi 6 hamwe n’ihadabu y’ibihumbi 800 y’amafaranga y’amarundi uwitwa Leonard BANKUWUNGUKA yagirijwe icaha co kudandaza inzoga zitemewe n’amategeko.
Accueil > Amakuru > Ubutungane
Ubutungane
-
Mairie –Ntahangwa : Abagirizwa kudandaza inzoga zitemewe n’amategeko baciriwe urubanza
6 November 2018, by vianney -
Gitega :Abagirizwa kwica bunyamanswa uwugendeshe ipikipiki baciriwe urubanza
30 October 2018, by vianneySentare nkuru y’igihugu y’intara ya Gitega yaciriye umunyororo w’ubuzima bwabo bwose abitwa Dushime Eloge,Gentil Elvis ARAKAZA,Pacifique IRAKOZE hamwe na Jean Marie NSHIMIRIMANA bagirijwe icaha co kwica bunyamanswa umumotari yitwa Bede NTEZICIMPA.
-
Itegeko rishasha rigenga umurwi CVR ryemejwe n’inama nshingamateka
26 October 2018, by vianneyInama nshingamateka yarize yongera iremeza integuro y’itegeko rihindura itegeko rigenga umurwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi CVR (Comission Verite et Reconciliation) aho uyo murwi uzotohoza ukuri ufatiye kuva kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhuma 1885 mu gihe kare wakora ibikorwa vyawo uhereye kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962.
-
Rutana:Uwagirizwa gushurashuza umukehabwenge yaciriwe urubanza
25 October 2018, by vianneySentare nkuru y’igihugu y’intara ya Rutana yaciriye umunyororo w’impaga w’imyaka 25 umuporisi APC Ildephonse NGENDAKUMANA ku caha co gushurashuza umukehabwenge.
-
Rutana:Uwagirijwe kwica se wiwe yaciriwe umunyororo w’ubuzima bwose na sentare y’igihugu
15 October 2018, by vianneySentare nkuru y’igihugu ya Rutana yaciriye umunyororo w’ubuzima bwose mu rw’ikibiriraho uwitwa Jean Marie NDUWIMANA yagirijwe icaha co kwisa se wiwe.
-
Ikinyamakuru « IKIRIHO » cahagaritswe
13 October 2018, by vianneyIkinyamakuru candika k’urubuga ngurukanabumenyi « Ikiriho » cahagaritswe vyimfatakibanza n’umushikirizamanza mukuru wa repuburika.
-
Sentare Nkuru ya Mukaza yaciriye umuyobozi w’ishure ry’imyuga rya Buterere gufungwa imyaka 5
14 August 2018, by vianneyUmuyobozi w’ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Buterere,Benjamin MANIRAMBONA yafashwe ariko akorera ikibazo ca Reta «Examen d’Etat» yigize umunyeshure,yaciriwe gufungwa umunyororo w’imyaka 5 hamwe no kumara imyaka 10 adakora akazi ka Reta.
-
Mairie :Uwagirizwa gufata ku nguvu umwigeme yaciriwe gufungwa imyaka 30
13 August 2018, by vianneySentare nkuru ya Bujumbura yaciriye umunyororo wo gufungwa imyaka 30 kuruno wa mbere igenekerezo rya 13 Myandagaro 2018,uwitwa Ezeckiel MANIRAKIZA yagirizwa gufata ku nguvu hamwe no gukomeretse bikomeye umwigeme w’imyaka 18.
-
Uburundi bwakiriye inama mpuzamakungu y’ishirahamwe FA-UJA
10 August 2018, by vianneyIcegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston SINDIMWO yatanguje kuruno wa gatanu igenekerezo rya 10 Myandagaro 2018,ibikorwa vy’inama mpuzamakungu igira ya kabiri y’urunani rw’amashirahamwe y’abashingwamanza bakiri bato ku mugabane wa Afirika FA-UJA (Fédération des Associations et Unions des Jeunes Avocats en Afrique) mu rurimi rw’Igifaransa.
-
Makamba: Abagirizwa urudandazwa rw’abantu baciriwe umunyororo w’imyaka 5
30 July 2018, by vianneySentare nkuru y’intara ya Makamba yaciriye umunyororo w’imyaka 5 abantu batatu bagirizwa urudandazwa rw’abantu mu gihe uwundi umwe nawe yaciriwe igifungo c’imyaka 2 n’amezi 6