Abagize umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe amahoro kw’isi bari mu rugendo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo basavye reta y’ico gihugu gutegura ibiganiro bijanye n’ikibazo c’imashini nyabwonko izokoreshwa mu matora yimirije.
Accueil > Amakuru > Muri Afrika
Muri Afrika
-
RDC: ONU isaba reta kugiranira ibiganiro n’abatavugarumwe nayo
8 October 2018, by vianney -
Zambiya: Umutamakazi w’imyaka 73 yaronkejwe urupapuro rw’umutsindo
6 October 2018, by vianneyUmutamakazi w’imyaka 73 yitwa Tangu Mhlanga MAZABA wo mu gihugu ca Zambiya yaronkejwe urupapuro rw’umutsindo rwa kaminuza mu gisata c’ubutunzi.
-
RDC: Abakozi 2 bavura ingwara ya Ebola bakomeretse batewe n’abanyagihugu
4 October 2018, by vianneyAbakozi 2 barangura igikorwa co kuvura ingwara ya Ebola mu karere ka Butembo mu gihugu ca Repuburika Iharanira intwaro Rusangi ya Kongo, bakomeretse bimwe bikomeye inyuma yaho abanyagihugu babagavyeko igitero bagiye gushingura abahitanywe na Ebola.
-
Uganda :Igiporisi cankiye Bobi WINE kwijana muhira avuye ku kibuga c’indege
21 September 2018, by Jean De DieuUmushingamateka atavugarumwe n’ubutegetsi bw’igihugu ca Uganda Bobi WINE yaherekejwe n’igiporisi gushika imuhira iwe avuye ku kibuga c’indege inyuma yaho avuye mu gihugu ca Amerika iyo yaramaze imisi ariko arivuza.
-
Zambiya: Ubwongereza bwahagaritse imfashanyo bwaronsa ico gihugu
19 September 2018, by vianneyIgihugu c’Ubwongereza cahagaritse imfashanyo cahora kironsa igihugu ca Zambiya,iyo ngingo ikaba ifashwe inyuma yaho reta ya zambiya yemeje ko amadorare angana imiriyoni 4 n’ibice 3 yaragenewe abatishoboye yanyurujwe.
-
Umukuru wa Ekereziya Katorika Pape Francois aritezwe mu gihugu ca Mozambique
17 September 2018, by vianneyUmukuru w’igihugu ca Mozambique Firipo NYUSI yameyesheje ko umukuru wa Ekereziya Katorika Papa Francois agiye kuzogendera igihugu ciwe mu mwaka uza wa 2019.
-
Afirika y’Epfo :Umugore yibungenze yavyaye abana 5
14 September 2018, by vianneyUmugore yavyaye abana 5 mu bitaro vyitwa Clinix Botshelong Empilwe biri hafi y’igisagara ca Johannesburg mu gihugu ca Afirika y’Epfo.
-
Sudani: Umukuru w’igihugu yahinduye abagize reta bose
10 September 2018, by vianneyUmukuru w’igihugu ca Sudani Omar Al-BASHIR yahinduye Reta yiwe aho yirukanye abagize reta yiwe bashika 31 harimwo n’umushikirnganji wiwe wa mbere mu ntumbero yo kurondera abamufasha guhangana n’ikibazo c’ubutunzi.
-
RDC:Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buvuga ko igisagara ca Butembo catandukiwe na Ebola
6 September 2018, by vianneyUbushikiranganji bw’amagara y’abantu mu gihugu ca Repuburuka iharanira intwaro rusangi ya Kongo bumenyeshako igisagara ca Butembo cabonetsemwo umuntu arwaye ingwara ya Ebola.
-
RDC: Jean Pierre BEMBA yankiwe kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu
4 September 2018, by vianneySentare Nkuru yo mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yankiye uwutavugarmwe na Reta Jean Pierre BEMBA kwiyamamariza hamwe no kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu kwezi kwa Kigarama mu mpera z’uyu mwaka wa 2018.