IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > RDC:Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buvuga ko igisagara ca Butembo (...)

RDC:Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buvuga ko igisagara ca Butembo catandukiwe na Ebola

Thursday 6 September 2018, by vianney

Amakuru atangwa amenyeshako igisagara ca Butembo gitandukiwemwo iyo ndwara gisanzwe ari kinini gusumba igisagara ca Beni kimaze imisi kibangamiwe n’iyo ngwara kuko gituwemwo n’abantu bangana ibihumbi 900.

Bivugwako igisagara ca Butembo kirangwamwo uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu kuko ariho haca ibidandazwa bivuye muri Afrika y’Ubuseruko hamwe n’ibindi bidandazwa bija murico gisagara biciye k’urubibe gihana n’Ubuganda.

Abajejwe intwaro murico gisagara ca Butembo bavuga ko batanguye guhimiriza abanyagihugu kugira bashishikare gukwirikiza amabwiriza ajanye n’isuku bahabwa n’abajejwe amagara y’abantu.

Mu kwezi kwa Myandagaro 2018 niho ingwara ya Ebola yongeye kwibonekeza aho mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, aho abantu bangana 85 bahitanywe nayo abagera 39 nabo vyagaragaye ko bayirwaye.

Umuntu afashwe n’ingwara ya Ebola afise ibimenyetso birangwa no kugira umuriro mwinshi akongera akava amaraso ahari ku mubiri hose ahari agatoboro.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.