IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Sudani: Umukuru w’igihugu yahinduye abagize reta bose

Sudani: Umukuru w’igihugu yahinduye abagize reta bose

Monday 10 September 2018, by vianney

Amakuru atangwa avuga ko ingingo y’umukuru w’ico gihugu ca Sudani yo kwirukana abagize reta yose yemejwe n’abakuru bo ku rwego rwo hejuru bo mu mugambwe uri k’ubutegetsi aho muri Sudani NCP (National Congress Party).

Ayo makuru avuga ko Omar Al BASHIR yafashe iyo ngingo kugira arondere abantu bashasha bamufasha guhangana n’ikibazo c’ubutunzi gihanze ico gihugu aho bishikirizwa ko amafaranga yataye agaciro gushika ku bice 65 kw’ijana.

Umwe mu bantu begereye Bashir yashikirije ko ibibazo vy’ubutunzi bikwiye kurondererwa umuti kandi biri muvyatumye umukuru w’igihugu agabanya igitigiri c’abagize reta bakava kuri 31 gushika kuri 21.

Moutaz Mousa Abdallah niwe yagizwe umushikiranganji wa mbere mugihe uwitwa Bakri Hassan Saleh aguma mu kibanza ciwe co kuba icegera c’umukuru w’igihugu.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.