IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Zambiya: Ubwongereza bwahagaritse imfashanyo bwaronsa ico gihugu

Zambiya: Ubwongereza bwahagaritse imfashanyo bwaronsa ico gihugu

Wednesday 19 September 2018, by vianney

Amakuru avuga ko iyo ngingo ifashwe reta y’igihugu ca Zambiya yagirizwa kurya igiturire .ikigega kijejwe iterambere mu Bwongereza kikaba camenyesheje ko kitazokwihanganira ibijanye no kunyuruza amatungo hamwe n’ibiturire ariko ico gihugu nticigeze kimenyesha imfashanyo cahagaritse uko ingana.

Bivugwako umukuru w’igihugu wa Zambiya Edgar Lungu yaciye atanga itegeko ko hakorwa amatohoza kurayo mafaranga yanyurujwe yaragenewe imigambi ya bantahonikora.

Igisata c’uburezi ,igisata c’amagara y’abantu hamwe n’igisata gikurikirana ba ntahonikora nivyo bivugwa ko birangwamwo igiturire gusumba ibindi bisata.

Abakurikirana hafi ibijanye n’ubutunzi bwa Zambiya bavuga ko niyo iyo mfashanyo yahagarikwa ivyo bisata bibangamiwe n’igiturire bizoca bigira ingaruka zikomeye.

.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.