IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Ubutungane > Itegeko rishasha rigenga umurwi CVR ryemejwe n’inama nshingamateka

Itegeko rishasha rigenga umurwi CVR ryemejwe n’inama nshingamateka

Friday 26 October 2018, by vianney

Bimwe muvya hindutse muriryo tegeko rigiye kugenga umurwi CVR n’igitigiri cabawugize aho ubu bagiye kuba 13 mu gihe wahora ugizwe n’abantu 11 ubu ,kuzotanga icegeranyo buri mwaka mu gihe kare bahora ugitanga uhejeje ibikorwa.

Bamwe mu bashingamateka basavye ko ibikorwa vyuwo murwi vyoshika n’inyuma y’umwaka wa 2008,umushikiranganji w’ubutungane yari yitavye inama nshingamateka gusigura imvo n’imvano y’iryo tegeko yishuye ko inyuma y’umwaka wa 2008 inzego zose mu gihugu zariho kandi zakora neza.

Aimee Laurentine KANYANA yavuze ko abakorewe amabi murico kiringo c’inyuma ya 2008 bokwitura ubutungane buhari.

Kurico kibazo nyene umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko uyo murwi ukoreye no mu kiringo c’inyuma ya 2008 vyobonekako igihugu cari mu ntambara.

Iryo tegeko ryemejwe n’abashingamateka 98 babiri nabo bararihakana.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.