Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2018, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yamenyesheje ko umwavu hamwe n’imbuto zirobanuwe vyatanzwe ku barimyi vyatumye haboneka umwimbu mwinshi, bica bituma ibiciro kw’isoko bigabanuka.
Umushikiranganji Deo Guide RUREMA yavuze ko mu bushikiranganji banezerezwa no kuba babona imirima itarimburwa, bakabona kandi hari n’ivyimburwa biri mu bigega rusangi, mu gihe hari n’ibindi bicanikiye.
Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko ubushikiranganji arongoye bwihaye intumbero yo gufasha abanyagihugu gufungura neza, haba mu bwinshi bw’ibifungurwa n’akamaro kavyo.
Andika hano Nivyo Vyiza Cane