Accueil > Ubutunzi > Abafise imiduga mu gisagara ca Bujumbura basaba umuco ku mafaranga (...)
Abafise imiduga mu gisagara ca Bujumbura basaba umuco ku mafaranga barihishwa
mardi 27 Ruheshi 2017
Inyuma y’ingingo y’igisagara ca Bujumbura yo gutangura kurihisha amafaranga ahahagaritswe imodoka mu gisagara ca Bujumbura bamwe mu bafise imodoka bavuga ko bataratahura ingene iyo ngingo iriko ishirwa mu ngiro.
Kw’ibarabara ryitiriwe Amitié ,Umukenyezi ahejeje kurihishwa amafaranga 300 y’aho ahagaritse imodoka yerekanye amakenga afise kuri iyo ngingo,avuga ko asanzwe ariha ikori none adatahura ayo mafaranga nayo ico akora, mu gihe asanzwe ari mu bukene.
«Ego ndarishe, kandi sinovuguruza ingingo ya Reta, ariko sintahura ingene ndiha aha kandi nkariha n’ikori, hanyuma nduze muri quartier ya Rohero nsubire ndihe kandi. None hoho ko ngiye aho mara iminota irenga 30 ni nde aca araba imodoka yanje kugira ntigire ikibazo?»
Ku rundi ruhande, abunguruza abantu bakoresheje imodoka zito zito (Taxis), bavuga ko babimenyereye kuko haheze iminsi itari mike batanguye kuriha mu gisagara ca Bujumbura.
Yavuze ko bariha 15000 vy’amarundi ku kwezi ku kwezi,ariko ko nabo nyene gushika ubu batarabona neza ico ayo mafaranga akora.
![](local/cache-vignettes/L672xH448/img_5000-563bc.jpg?1550721128)
Mwomenya ko mu bibanza bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura uwuhahagaritse imodoka ariha amafaranga 300 kw’isaha,mu gihe uwushatse kuriha ku umunsi wose ariha 2000 vy’amarundi.
Mu gisata kijejwe gutoza amafaranga mu gisagara ca Bujumbura, twabarondeye kugira bagire ico bashikirije ku bijanye n’amakenga y’abarihishwa ku bibanza bahagaritsemwo imodoka, ariko ntitwashoboye kubaronka. Tubandanya kubarondera.
MUGISHA Van Naris