Jean Berchimas NIYONZIMA : «Ibidandazwa biragurishwa ariko nta mpapuro zivyerekana zitangwa.»

Yanditswe na IGIHE
Kuya 20 July 2018 saa 06:50
10170
0 0

Umuyobozi ajejwe amatagisi yo hagati mu gihugu mu kigo OBR,Jean Berchimas NIYONZIMA amenyeshako umudandaza afashwe adandaje ibidandazwa ntatange urupapuro rwerekana ivyo yadandaje n’amafaranga yabidandaje ko bita « Facture » acibwa ihadabu ingana na 20 kw’ijana y’amafaranga ibidandazwa biba vyadandajwe.

Ivyo yabishikirije kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 20 Mukakaro 2018 inyuma y’urugendo rwakozwe n’abakozi b’ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR muri karitiye ya Asiatique mu ntumbero yo kwirabira ko hatangwa izo mpapuro « Factures » ku bidandazwa bigurishijwe

Jean Berchimas NIYONZIMA yamenyesheje ko mu rugendo bakoze basanze ibidandazwa bigurishwa ariko impapuro zivyerekana ntizitangwe.

Jean Berchimas NIYONZIMA yavuze ko urwo rupapuro rutangwa « Facture » bifasha umudandaza guharura neza ivyo yasohoye ,kumenya umwidondoro w’umuguzi hamwe no kumenya ikidandazwa cadandajwe.

Uyo ajejwe amatagisi yo hagati mu gihugu muri OBR yavuze ko mu misi irimbere hagiye gushirwaho uburyo bwo gutanga izo mpapuro biciye mu buhinga bwa none.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha