IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Bururi : Amafaranga imiriyoni 27 yibwe muri Posita

Bururi : Amafaranga imiriyoni 27 yibwe muri Posita

jeudi 15 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Amafaranga aharurwa mu miriyoni 27 z’amarundi niyo yibwe mu bubiko bwa Posita buri mu ntara ya Bururi, muri komine Mugamba. Abantu bataramenyekana bahaye abaporisi inzoga irimwo ibiyayuramutwe, baca babomora ahari ayo mafaranga yibwe.

Ubwo busuma bwabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, abakozi bo muri iyo Posita bakaba babimenye mu gatondo, babibwiwe n’uwukora isuku yasanze imiryango y’ahabikwa amafaranga yuguruye.

Mu kubomora, abo basuma bakoresheje "Bombonnes", ariko bakaba babanje guha inzoga irimwo ibiyovyabwenge abaporisi batatu bari bacunze iyo nyubakwa. Igiporisi co muri iyo ntara caciye gihagarika abo baporisi, ku mvo z’amatohoza.

Ibikorwa vyo kuri iyo Posita vyabaye birahagarikwa vy’agateganyo, n’abanywanyi bari baje kubikuza amafaranga yabo kuri uwu wa gatatu bakaba batashe uko baje.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.