IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Cibitoke:Ishirahamwe CATD risabira ibihano umukoresha yaturiye (...)

Cibitoke:Ishirahamwe CATD risabira ibihano umukoresha yaturiye umukozi

mercredi 3 janvier 2018

Ivyo babishikirije inyuma yaho mu ntara ya Cibitoke umukozi aturiwe asutsweko amazi ashushe n’umukoresha wiwe, mw’ijoro ryo ku munsi wo guhimbaza umwaka mushasha.

Umukuru w’ishirahamwe CATD,Richard MANIRAMABONA avuga ko ivyo vyakorewe uyo mukozi wo mu nzu, ari ikibi kibishe, kuko ata kosa umukozi yokora ryotuma ahanishwa igihano co gusukwako amazi ashushe.

Richard MANIRAMBONA avuga ati : “Ivyo biri muri vya bindi twama twavuze ,ico n’ikibi kibishe,abakozi baza gukora bahiga ubuzima, nta kosa ryotuma umukozi ahanwa nk’uko.”

Umukuru w’ishirahamwe CATD asaba ko ubutungane bwohana uwo mukoresha, kugira ububisha nk’ubwo ntibubandanye.

Yavuze ati : “Adahanywe vyosasira indava ikibi kuko vyoboneka kw’abakozi bo mu nzu ari ikintu gisanzwe n’abandi boza barabahohotera bibaza yuko batagira ababavugira.”

Richard MANIRAMBONA atera akamo abakoresha bose kuvavanura n’iyo ngeso, kuko biri mu bituma abakozi bo mu nzu bagira inzigo gutyo ugasanga rimwe na rimwe bavuye mu rugo bivye canke bakoze ikindi kintu kibi.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.