Accueil > Imibano > Amabi > Kirundo : Umwana yaturiwe ibiganza n’umuvyeyi wiwe
Kirundo : Umwana yaturiwe ibiganza n’umuvyeyi wiwe
samedi 22 Ndamukiza 2017, par
Mu runani rw’amashirahamwe yiyemeje guharanira ineza y’abana (FENADEB : Fédération Nationale pour la Défense des Droits des Enfants au Burundi) basaba abajejwe intwaro hamwe n’ubutungane, ko bokorera hamwe, bagashira kandi inguvu hamwe kugira batuze ingeso imaze iminsi yibonekeza y’abavyeyi bahohotera abana babo.
Ishirahamwe FENADEB ribishikirije inyuma y’ayo mu ntara ya Kirundo hari umuvyeyi aturiye ibiganza vy’umwana wiwe, amwagiriza ko yihaye indya mu nkono.

Imbere y’aho gato, Pascasie Ncutinamagara, umwana w’umwigeme w’imyaka 13 yishwe n’inkoni yakubiswe na se amuvyara, amuhoye ko yariko amwishuza amafaranga yari amufitiye agera ku bihumbi bitatu n’amajana atanu y’amarundi.
Mw’ishirahamwe FENADEB bavuga ko hafi abana cumi aribo bamaze guhohoterwa n’abavyeyi babo muri aya mezi ane y’umwaka w’2017, iryo shirahamwe rigasaba ko abajejwe intwaro n’ubutungane bohagurukira ico kibazo.
IGIHE
Messages
22 Ndamukiza 2017, 13:45, par Kimana Armand
Ivyo ntibibatangaz ni ukubera umutima w, ubukoko n, ubugizi bwa nabi wasasiw indava mu gihugu.
Bararaba aho bahetetey bakabona ari ugutoteza abandi atacamira bagaca bibaza ko ariyo ngendo yiyubash.
Nta mutima w, ubuntu abantu bakigira, ntaco bagisonera gushika no ku ruvyaro rwabo.
Ni akumiro
22 Ndamukiza 2017, 15:03, par Mbogo y’ishamba
Iryo n’iragi rya Peter Nkurunziza,akari inyuma karahinda
22 Ndamukiza 2017, 17:48, par RIYAZIMANA
SIVYIZA UMWANA KUMUTURIRA ARIKO VYOSE BITEGWA NAGASHAVU
23 Ndamukiza 2017, 04:08, par Mpozamarira Erias
Uwo muvyeyi wi ngitabanga na hanwe bimwe vyakarorero, kuko nawe nyene ya riba abavyeyi biwe ariko ntawamuturiye, ayo mashirahamwe ajejwe agateka kabana nagerageze uburyo yo shobora gufasha uwomwana avuzwe kwamuganga, vyihutirwa, nibara uwo sumuvyeyi nigikoko kimwe bita ingurube niyo iyishonje igurukira kumwana ikarya. Ibindi navyo vyoba intambamyi kuvuza uwo mwana murabitumenyesha abavyeyi dusazwe tuzi inyungu yumwana iyariyo tuzoterere ivyiyumvyiro bifatanije nukuvuza uwo mwana. Murakoze
23 Ndamukiza 2017, 12:27, par Mob
Ngayo nguko misere
23 Ndamukiza 2017, 15:47, par Kamikazi
Uwo Muntu Yamuuriye Nibamwice Aveho Kuko Naw Numwicanyi
23 Ndamukiza 2017, 17:40, par Vianney
Jewe Naje nkomubisanzwe uwo muvyeyi wuwo mwana yohanwa bikwiranye n’icaha yakoze
23 Ndamukiza 2017, 21:44, par Jean Jerome Bigirimana
Iryo nibara, n’imivumo abantu bikwegera. Abandi bararondera abana, nawe akabaturira? Hanyuma ngo umwana yishe umuvyeyi wiwe ukamengo vyavuye ahandi, naho n’indero mbi yahawe! Ni tugarukire ubuntu, indero n’akaranga-buntu twitandukanye n’ibikoko. Murakoze,Imana idufashe dukire ako kabi kabishe.
24 Ndamukiza 2017, 06:52, par NIYUNGEKO Léonard
Bitey Intuntu Nagahinda Kubona Ah Umuvyeyi Adashobora Kwibuka Ukuntu Igise C’Umwana Kibabaza! Bant Muhotera Abana Mumenye K Ari Kwikora Munda Kand Mutazobabarigw.
24 Ndamukiza 2017, 07:14, par Betty
Ibyo Birakabije
24 Ndamukiza 2017, 07:55, par SUGURU SEBASTIEN
UWO SUMUVYEYI NI KIVUMWE KU MANA! NKUBU ARI NKUWUTWARA INDA UBONA ATOVYARA AGACA AMUNIGA NAMUVUZE ARIKO AZOCE AHANWA NUBUTUNGANE!
25 Ndamukiza 2017, 06:18, par Regis
Irinishano uyusumuvyeyi. ubuse. aribwirayuko. uyumwa .azigera amukunda. ahoniho urwango. ruhera rutangura. kumwana. numuvyeyiwiwe
25 Ndamukiza 2017, 22:26, par Marius
UWO SUMUVYEYI NIKIMENA BANGA
28 Ndamukiza 2017, 07:20, par key
senumututsi umwananumuhutukazi yakoze ihonyabwoko kumwanawiwe
31 Rusama 2017, 20:30, par David
ingeso nkiyo ntitwiyisabirako yuko abavyey bobandany iryo bara ryo guturir aban ngo nuko bgay akajumb munkon nka jew maman ntiyonturir ngo nuko nihay agakembe munkon umunt nkuyo akwiriy ibihan vyakatarabonek.
26 Ndamukiza 2018, 22:49, par Nduwayo Bricès
Uyo Mukenyez Yarakeney Kumucir Imyaka 25 Nkeka Naband Bobonerah
9 Myandagaro 2018, 04:40, par Niyongere leonidas
Ico mbona yarakwiye nukumucisa urwo gupfa! kuko yakoz ububisha nkubw!