IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > UNICEF : Nta mwana n’umwe ategerezwa gusinzikarizwa agateka

UNICEF : Nta mwana n’umwe ategerezwa gusinzikarizwa agateka

mardi 5 Rusama 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana Unicef ryasohoye itangazo, aho risaba abakorera mu gisata co kumenyesha amakuru gufasha bakingire abana gusinzikarizwa agateka kabo.

Muri iryo tangazo Ishirahamwe Unicef rimenyesha ko inyuma y’aho vyemerejwe ko hari umwana w’imyaka 15 agira kabiri yitavye Imana ahitwanywe n’urusasu mu myiyerekano iriko iraba mu gisagara ca Bujumbura, Unicef yibutsa ko ata mwana n’umwe ategerezwa gusinzikarizwa agateka canke atandukanwe n’abavyeyi yishimikije ivyashikirijwe na Leila Gharagozloo-Pakkala umuyobozi ajejwe akarere ka Afrika y’Ubuseruko niy’ Ubumanuko mw’ishirahamwe Unicef.

Nk’uko yabishikirije kw’igenekerezo rya 30 ndamukiza, Leila Gharagozloo-Pakkala yari yavuze ko abana bashobora kuba aba mbere bakorwako n’imishamirano iriko ibera mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo. Iryo tangazo rimenyesha ko ugusinzikaza agateka k’umwana, vyamaze kwibonekeza kuva imyiyerekano itangura mu mabarabara ku wa 26 Ndamukiza, harimwo n’abana mbere baja mu myiyerekano, bamwe bagapfungwa abandi bagakomereka.

Iryo tangazo rirangiza rivuga ko, gukingira agateka k’umwana ari igikorwa kiraba uwariwe wese, harimwo Reta, abajejwe umutekano, kandi abana bategerezwa kwigizwa inyuma y’imigambwe canke ikindi cose cotuma barwa mw’isanganya.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nimubambaririre abantu bubahuka gukwegera abana mumyiyerekano, ntibibazeko bitebe bitebuke dizobabazwa.

  • Hummmmmm ko mbona ari les societes civiles ba Pacifique et consorts bahamagara abana mu manifestations burya barafaditse?Nivyiza ko UNICEF ikomye induru ico nzi ako ka clin d oeil kazoza kinjira pole pole muri conscience yabantu next time ntawuzosubira bazogira isoni

  • AGATEKA KABANA GAKWIYE KUBAHIRIZWA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.