IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Maison Shalom na SOJPAE bariyamiriza ipfungwa ry’imiyabaga itandatu i (...)

Maison Shalom na SOJPAE bariyamiriza ipfungwa ry’imiyabaga itandatu i Muramvya

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Urwaruka rwo mu Burundi rurakwiye kwamirira kure abanyepolitike bashaka kurukoresha mu migumuko canke mu myiyerekano, ariko abana babo biryamiye mu mazu canke babarungitse mu mahanga.

Amashirahamwe yitwararika ineza n’agateka k’abana mu Burundi, Ikigo Maison Shalom na SOJPAE aserukiwe na barongozi Marguerite Barankitse na Jacques Bigirimana, barishikiye mw’ibohero i Muramvya, kuraba abana bafatiwe mu myiyerekano yo kuri uwu wa gatanu iheze, mu gisagara ca Bujumbura.

Marguerite Barankitse

Muri ugwo rugendo, ayo mashirahamwe amenyesha ko abana b’imiyabaga bagera kuri batandatu bafashwe, ubu bapfungiwe mu Ntara ya Muramvya. Nk’uko bishikirizwa nayo mashirahamwe, abo bana bagizwe n’impfuvyi n’abana bo mw’ibarabara bafashwe bariko bikorera udukogwa twabo twa minsi yose.

Ayo mashirahamwe Maison Shalom na SOJPAE barasaba ubutungane bw’uburundi kwisubiza agatamana bakarekura abo bana, kuko ikibi conyene bakoze n’uko bari mu kibanza kitari ciza mu mwanya mubi. Barasaba kandi abanyeporitike ko bokwirinda gushira imbere urwaruko mu migumuko, canke mu myiyerekano kuko aribo bagwa mu mporero.

Ayo mashirahamwe aramenyesha ko azobandanya igikorwa bishinze co gukingira agateka k’abana imbere, hagati n’inyuma y’amatora yimirije mu Burundi.


Alida S.

Messages

  • Jewe ivyomubivuze nabivuze kuvakera mbura abantubeshi banyunganira, naravuzati abanye politike bafata abanyagihugu batobaro bakabashira mubintu vya danger muntumbero yokugira barebeko bobakorerako pibirisiti, naranababwiyeko hariho numunye politike yigamvye avugango’ turatsinze ngokuko ivyotwashaka birakozwe, ivyorero yabivugagurtyo polisi yigihugu ihejeje kuyorora abantu bashika hafi 117 birababaje rero kubona umunye politike akubwira ngokiribi kugezanaho ufata ukubokokwawe ugatera amabiye umu polisi wigihugu kugezanaho umukomeretsa agatwarwa mubitaro, mbegahoho wibaza nukuveriki umu polisi yemera ukamuteribuye ukamunogaza kugeza naho atwarwa mubitaro kandafise inkoho? Bisigurako aba polisi babakunda, kandi hariho nikinsikintu aba polisi bashobora gukorera umunyagihugu yabarengereye kandatarukuvugako bamwaka, icokintu nukurasa urusasu nyaeusasu ahantu hatica . Harihikuntu mazehitohoza kandi cukuri 99% murimwenivyo bintuvyabantu bahamagarira abantu mumwigaragamvyo, icokintu nikigikurikira; umva ahabanye politike bababishakira gushika kukinturunaka mubijanye nubutegetsi, bariyabantubanyarucari bobaba barekereje ngwibintubibe uwandabaga mugisagara ngononeho baroke uburyo bwokwiba mumaduka nomumazu yabahaba, iyoniyompamvu ushobora kubona nkamayibobo, abazamu, ababoyi, abayaya, nabandibantu banyarucari bivinyuma muriyomyigaragavyo mugurera amabiye abajejwe umutekano. Ngukwo ukobigenda maze tureke kubeshanya ngwabafashwe ngobazizeko iyomyiyerekano yabereye ahobaribibereye namba sikovyagenze, urazokurikirana iyo abantu basimbiraniyeko bakarwana wewe urumuntu wumwana icukora urahaguruka ukabava iruhande mazewabuzi ahowozagutabariza ukiruka ujayo kuvuga ivyubonye.

  • BARANKITS UZA WAVUGA NEZA ARIKO NTIWIBAGIRE KO KUGHE CA BOBO RUGURIKA ARI WEWE WAJA IMBERE MU MIGUMUKO ARIKO KUNYERERA SIBIBI IKIBI NIGUHERAYO NICO GITUMA WABONYE KO ATAKAMARO URIKO UHANURA BANDI KO ATARI VYIZA KUJA MU MIGUMUKO KUKO ABO BAYIJAMWO NIBO BAGIRA INGORANE KUKO ABAYITEGUYE ABANA BABO BABA BIRYAMIYE ABANDI BIBEREYE MU MAHANGA....

    NIVYO NABWIYE BARYA BANA BO MURI KAMINUZA KO BIHUTIRA GUTA UMWANYA MUKUJA MU MABARABARA AHO KWIGA KUKO YABA ONESIME...MINANI...SHOVINO...LEONCE...NTAMWANA NUMWE WABO AJA MURI BIRYA BAKUBITIRWA KUNYWA AMATA NO KUJA MU MASHURE MEZA MEZA BISIGURA KO URWARUKA RWUBU UMENGO RURYA IMITI MUBISANZWE NTIBABONA KURE BATEGEREZWA KUBA IMBONERAKURE BAKAMENYA GUTANDUKANYA ICATSI N’URURO.
    BAREKE RERO GUHENDWA BABONA

    MAGGY TURAGUSHIMIYE CANE KWICO CIYUMVIRO!!!!!!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.