IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu ahamagarira Abarundi kutama bazera (...)

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu ahamagarira Abarundi kutama bazera inze

dimanche 9 Nyakanga 2012

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta no gutunganya imigambi y’ iterambere bwaratunganije indwi y’imiryango yuguruye kuva kw’igenekerezo rya 1 gushika ku rya 6 Gitugutu 2012 mu ntumbero yo kumenyesha ivyaranguwe n’ubushikiranganji mu myaka mirongo itanu iheze Uburundi bwikukiye.

Icivugo cari “Tuje hamwe dutsimbataze ubutunzi bw’igihugu cacu”.

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Gervais Rufyikiri akaba yamenyesheje ko ivyaranguwe n’ubushikiranganji bishimishije. Akemeza ko aho ikigega ca Reta kigeze mu gutoza amakori hashimishije.

Kuri ivyo, Uburundi bwarashoboye kwiyubakira amashure, amavuriro mato mato na manini biciye mu makori yinjira mu kigega ca Reta. Mw’ijambo ryiwe umushikiranganji ajejwe ikigega ca Reta, Tabu Abdallah Manirakiza yamenyesheje ko imigambi myinshi yafashwe mu ntumbero yo kugwiza amafaranga yinjira mu kigega ca Reta.

Aho akavuga nk’itegeko n°1/11 ryo ku wa 14 Mukakaro 2009 ryashinze ikigo OBR caje gufasha gutoza amakori yinjira mu kigega ca Reta. Umushikiranganji akamenyesha ko kuva mu mwaka w’2010 ikigo OBR catoje amafaranga angana imiriyaridi 362,7 hamwe n’imiriyaridi 471 mu mwaka w’2011.Bisigura ko amafaranga yinjira mu kigega yaduze kurugero rw’imiriyaridi 108,3 ku mwaka ku mwaka.

Vyongeye Uburundi bubicishije ku bigo API na OBR bwarashoboye gufata imigambi yo kworohereza abagomba kuzana no gushinga amashirahamwe yo kugwiza ubutunzi. Ubu abagomba gushinga ayo mashirahamwe barihira hamwe aho mu misi iheze vyafata ikiringo kini. Kubera bisigaye vyoroshe ku bakeneye gushinga amashirahamwe yo kugwiza umwimbu, mu mwaka w’2011 imigambi 145 yo kuzana imitahe no gushinga amashirahamwe yo kugwiza ubutunzi y’agaciro k’imiriyaridi 447 mu mafaranga y’Uburundi yarashoboye kwigwa itanga n’ubuzi ku bantu 7.000.

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ari ubwa mbere muri kahise k’igihugu aho Uburundi butegura kwiyubakira urugomero rw’umuyagankuba rukazokwubakwa ku Ruzi Mpanda hamwe n’ibitaro vy’akarorero biriko birubakwa mu ntara ya Karuzi ata mfashanyo y’amakungu.
Kuri ivyo, Gervais Rufyikiri agashimira abakozi bama bitanga na ntaryo kugira ubutunzi bw’igihugu butere imbere.

Inyuma y’imyaka mirongo itanu Uburundi bwikukiye, ingingo zitari nke zarafashwe mu ntumbero yo kugwiza amafaranga yinjira mu kigega ca Reta. Nk’uko Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu yabimenyesheje ngo umutima wo kubungabunga itunga rya Reta uriko uribonekeza. Agasaba ko uwo mutima wotsimbatazwa. Igihugu nicatera imbere mu vy’ubutunzi ni ho kizoba kironse intahe yo kwikukira nyakuri.Ivyo tuzobishikako aruko umutima wo gukunda igihugu utsimbatajwe.

Vyongeye, Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu aremeza ko Uburundi buzotera imbere ari uko abagwizatunga boroherejwe mu kazi kabo. Ico naco kikaba ari igikorwa c’ikigo API, muri kino gihe, Uburundi bukaba bufise ikibanza c’indwi mu kworohereza abagwizatunga. Mu bijanye no gutanga amasoko, Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu yasavye abakozi bakora mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta ko botanga amasoko ata nkuzi n’ibiturire kubera bituma isoko itsindira uwubikwiye.

Mu gisata c’amabanki, Gervais Rufyikiri asaba ko abitura ico gisata bokworoherezwa bakaronka ingurane bitabaruhishije na cane cane ku bagwizatunga bato bato. Mu ncamake ngo ivyaranguwe n’ubushikiranganji birashimishije. Bukaba bugiye kwinjira mu ntango z’umwaka uza w’2013 inyubakwa nshasha inyuma y’imyaka mirongo itatu n’umwe bukorera mu nyubakwa bukoreramwo muri kino gihe.

Iyo nyubakwa nshasha yubatswe ku mfanshanyo y’Ibanki y’isi yose y’imiriyoni 9,9 z’amadorari y’abanyamerika hamwe n’aya Reta angana imiriyaridi 10 mu mafaranga y’amarundi, ikazoshirwa mu vyaranguwe muri iyi myaka mirongo itanu iheze Uburundi bwikukiye.


PPB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.