Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Ihinguriro LG ryakoze terefone ishobora kwirukana imibu
Ihinguriro LG ryakoze terefone ishobora kwirukana imibu
lundi 2 Gitugutu 2017
Iyo terefone yiswe LG K7i, yashizwe ahabona mu nama yiga ibijanye na terefone mu gihugu c’Ubuhindi, ikazokoresha amajwi yitwa Ultrasonic waves azoshobora kwirukana imibu n’utundi dukoko tuza mu nzu nk’isazi n’utundi.
Iryo hinguriro rivuga ko bimwe mu bikoresho vyaryo bigizwe n’imboneshakure n’ibindi bifise ubuhinga bwo kwirukana imibu mu nzu, LG K7i ikaba ari yo terefone ya mbere ikoranywe ubu buhinga.
Umuyobozi ajejwe ubudandaji muri LG mu Buhindi, Amit Gujral, yavuze ko iryo hinguriro ryihaye intumbero yo gufasha abayitura kugira ubuzima buzira umubu, arico gituma bakoze iyo terefone.
Yavuze kandi ko ata ngaruka mbi igira ku buzima bw’uwuyikoresha inyuma yo kugeragezwa mu bihe bitandukanye igahabwa ivya ngombwa ko ataco yonona n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abahindi ryiga ku miti n’ibinyabuzima.
![](local/cache-vignettes/L672xH378/lg-85c86.jpg?1550866263)
Bitegekanijwe ko iyo terefone yiswe LG K7i izoba igurwa amadorare 122 y’abanyamerika.
MUGISHA Van Naris
Messages
4 Gitugutu 2017, 02:31, par Ntakirutimana John
mubazoyigura mubambere ndimwo, ahubwo nibanyarutse kuzikwiragiza mubakiriye.