Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Abakoresha amakarata SIM atarandikishwa bongewe ikiringo
Abakoresha amakarata SIM atarandikishwa bongewe ikiringo
jeudi 26 Ruheshi 2014
Naho isango ryo guhagarika ikoreshwa ry’amakarata SIM atanditswe ryungurujwe kubera imyitegero y’umunsi w’ihimbazwa ry’ukwikukira kw’Uburundi, abakoresha ngendanwa batarandikisha amakarata SIM bagabishijwe.
Ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru n’imigenderanire hagati ya Reta n’Inama nshingamateka hamwe n’inama nkenguzamateka bwamenyesheje abantu bakoresha ngendanwa ko isango ryo guhagarika ikoreshwa ry’amakarata SIM atanditswe ryari ryashizwe kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2014, ryungurujwe. Isango rindi ntarengwa ryashizwe kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2014, kubera ko Uburundi buri mu myiteguro yo guhimbaza umunsi mukuru w’ukwikukira kw’Uburundi. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru, Tharcisse Nkezanbahizi, kuri uwu wa kane wa 26 Ruheshi, mu kiganiro yahaye n’abamenyeshamakuru.
Ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru bukaba bwibukije amashirahamwe y’itumatumanako amakuru ko ata karata SIM n’imwe itanditswe izosubira gukoreshwa inyuma yo kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2014. Ayo mashirahamwe akaba asabwa kandi gukorana n’ishirahamwe ARCT mu gushira mu ngiro iyo ngingo yafashwe.
- Tharcisse Nkezanbahizi, umushikiranganji wo gutumatumanako amakuru
Kubanyamahanga baba mu Burundi, canke ku bantu baza mu karuhuko, basabwe nabo nyene kwandikisha amakarata SIM yabo, bafise impapuro zibaranga. Basubiye inyuma bakazokurwa ku rutonde, n’amakarata SIM yabo ahagarikwe inyuma y’iminsi itanu bagiye. Mu bushikiranganji bw’ugutumatumanako amakuru bakagabisha uwo wese yokwihenda agakoresha ikarata SIM atanditswe, y’uwo munyamahanga canke uwo azoba ari mu karuhuko mu Burundi mu gihe yasubiriye inyuma.
Ku munywanyi ashaka guhindura ikara SIM yiwe, hazoba gusuzuma neza kugira yandikwe kuri fiche ya kera. Ku wuzoba yatakaje canke yibwe ikarata SIM yiwe, ategerezwa kubimenyesha ishirahamwe ryiwe mu maguru masha, hamwe n’igiporisi imbere yo gusaba iyndi karata SIM. Amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru akaba asabwe muri ico gihe, gukura ku rutonde ikarata SIM yibwe canke yatakaye.
Tubibutse ko iyandikwa ry’amakarata SIM ari ingingo Reta y’Uburundi yafashe mu mwaka w’2011 kugira bifashe mu kurwanya ihungabanywa ry’umutekano hamwe n’ubusuma muvy’itumatumanako amakuru. Iyo ngingo yashinzwe kandi kugira Uburundi bwisunge intumbero y’ingingo zashijwe imbere n’amashirahamwe mpuzamakungu Uburundi buhurikiyemwo.
Mariella Bukuru
Messages
26 Ruheshi 2014, 21:57, par Nwari
Guhugabanya umutekano!!???reka kwigira imana mushaka ko abantu bavuga ivyo mushaka ariko murabesha pe ’umutekano nimwe muwuhigabanya. Mbega mwiyumviriye izo societe zidadaza carte sim ibikogwa mubahaye?hanyuma gomushaka abagwiza tuga bazane imitahe?ariko mwakabaye gute ?imana yabaremye gute?
28 Ruheshi 2014, 00:07, par Mama
Murazotubariza ko boturosa na service zogutangira amahera icarimwe maze bakakurosa service yoguhamagara noguhamagarwa ukwezikwose mu Burundi bwose. Kuko navyonyene vyokworohereza abakiriye kutama bagiye kugura ama unites, maze mugaca mukwiragiza mugihugu cose abahinga bafise nivyuma vyokurihirako arinavyonyene bokoresha muguhagarika service mugihe umuntu ukwezi kumuhereyeko atarariha ukundikwezi agombagutangura. Nayokubafise ama Bank basanzwe babitsamwo mwokwumvikana amahera mukaza murayatora burikwe kugira bikingire kwibagira kuriha mugihe ukweziguheze