IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Ntibashobora kwihanganira ikarata SIMU ikora itanditswe

Ntibashobora kwihanganira ikarata SIMU ikora itanditswe

mercredi 16 Mukakaro 2014

Imvugo yabaye ingiro amakarata simu yose atandikishijwe yahagaritswe kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Mukakaro, nk’uko vyari vyashikirijwe n’ubushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru. Ku biro bimwe bimwe vy’iyandikiro hiriwe imirongo y’abantu barindiriye kwandikisha amakarata simu yabo.

Kuri uwo wa kabiri, igenekerezo rya 15 mukakaro, ikarata simu zose zitandikishijwe zaragaritswe nk’uko vyashikirijwe na Yozefu Bangurambona umuyobzoi mukuru w’ikigo kijejwe gucungera ivyitumatumanako amakuru hano mu Burundi ARCT( Agence de Regulation de Contrôle des Telecommunications).

Ihagarikwa ry’amakarata simu ryatumye abahora bayakoresha bazindukira ku biro vyiyandikiro kuyandikisha. Aho ikinyamakuru IGIHE.bi caciye ku biro vy’ubudandaji vy’umuhora wa Tempo Africel, hari abantu batari bake bavuga ko baje kwandikisha amakara simu yabo yugawe mw’ijoro rw’uwa kabiri. Nka bose baremezako baronse ubutumwa bubibasaba naho bataciye bitaba akamo batewe ku mvo izi canke ziriya.

Bamwe mu bandika ayo makarata simu bavugako kwandikisha ikarata simu ari ineza k’uwuyitunze kuko bitabaye uko baca bayugara nk’uko baraye babigize. Bavugako badashobora kwihanganira ikarata yokoreshwa itagira uwo yanditsweko. Babandanya bavugako atawokwitwaza iki canke kiriya kuko baremera ko umuntu atuma uwo yizeye akandikisha ikarata sim yiwe uwo nawe asabwa gutanga ibimuranga no gushirako umukono wiwe.

Ingorane zozo ntizibuze kuko hari n’abandi bavugako ikarata sim bazandikishije ariko zugawe. Abo nabo basabwa kwerekana agapapuro bahawe igihe bandikisha amakarata simu yabo.

Naho biri uko, amakarata yahagaritswe azoshobora kugururwa na banyene amashirahamwe mu kiringo kitarenza amezi abiri. Mwomenyako Uburundi ari co gihugu conyene co muri karere aho abanyagihugu badandaza amakarata simu atanditswe.


Karire Floxella

Messages

  • Nivyo natwe iyo dutuye twarayandikishije mbese ubu ugiye kuyigura usanga barayiyandikiye bo nyine hanoho muri afrika yefpo basigaye babiduhera nubuntu tukabita gusa biba ngobwa uyandikishe kuburyo ushobora kuyibwa bagaca bayugara canke bakaguha iyindi bakoresheje sim swap.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.