IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Samsung Galaxy S8+ ikunzwe n’abakoresha telefone ngendanwa kurusha (...)

Samsung Galaxy S8+ ikunzwe n’abakoresha telefone ngendanwa kurusha izindi

jeudi 15 Ruheshi 2017

Abakozweko ubushakashatsi bavuga ko telefone Galaxy S8+ ifotora neza,ibika umuriro umwanya munini,kandi ikaba ifise n’ishusho nziza igihe uyiravye.

Ubwo bushakashatsi bwerekanye kandi ko Iphone 7 plus iza mu kibanza ca gatanu ku rutonde rw’amatelefone akunzwe cane, iyo nayo ikaba yakozwe n’ihinguriro Apple rwama ruhiganwa na Samsung.

Kuba Samsung yashize ahabona telefone zo mu bwoko bwa Galaxy S8, bishobora kugarukana icizere mu bakoresha telefone ngendanwa za samsung,inyuma yaho telefone Note 7 ibahombeye bitumwe nuko yaturikana bamwe mu bazigura.

Telefone zikunzwe zikurikirana uku :

1.Samsung Galaxy S8+
2.Samsung Galaxy S8
3.Samsung Galaxy S7 Edge
4.LG G6
5. iPhone 7 Plus

Kw’isoko Telefone Samsung Galaxy S8+ igurwa amadolare 840 mu gihe telefone Galaxy S8 igurwa amadolare 720.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.