Ikivuko ca Bujumbura muminwe y’ishirahamwe rindi ry’abikorera utwabo

Yanditswe na Pierre Claver Niyonkuru
Kuya 17 Munyonyo 2012 saa 03:30
Yasomwe : 1179
0 0

‘’Inama nshikiranganji yarakoranye ku wa gatatu no ku wa kane w’iyi ndwi, yafashe ingingo ko itunganywa ry’ibikorwa vyose ku kibuga c’indege ca Bujumbura bihawe ishirahamwe rishasha ry’abikorera utwabo ryitwa Global Ports Services Burundi. Irindi shirahamwe EPB, Exploitation du port de Bujumbura niyo yahora itunganya ibikorwa vy’ikivuko ca Bujumbura. Ishirahamwe Olucome rirwanya ibiturire rivuga ko hagiyemwo nkunzi’’.
Kuva kw’italike 25 kigarama uyumwaka, ikivuko ca Bujumbura kizotangura (...)

‘’Inama nshikiranganji yarakoranye ku wa gatatu no ku wa kane w’iyi ndwi, yafashe ingingo ko itunganywa ry’ibikorwa vyose ku kibuga c’indege ca Bujumbura bihawe ishirahamwe rishasha ry’abikorera utwabo ryitwa Global Ports Services Burundi. Irindi shirahamwe EPB, Exploitation du port de Bujumbura niyo yahora itunganya ibikorwa vy’ikivuko ca Bujumbura. Ishirahamwe Olucome rirwanya ibiturire rivuga ko hagiyemwo nkunzi’’.

Kuva kw’italike 25 kigarama uyumwaka, ikivuko ca Bujumbura kizotangura gutunganywa n’ishirahamwe rishasha. GPS-Burundi rije gusubirira EPB yarimaze imyaka itarimike ritunganya ibikorwa vyose vy’ikivuko ca Bujumbura.

Inama nshikiranganji yakoranye kumusi wa gatatu no ku wa kane niyo yafashe iyo ngingo. Iyonama yamenyesheje kandi ubuhinga bugiye kubandanya bukorwa mukiringo c’amezi atandatu kugirango hamenyekane ingene ubutunzi bwegukira Reta bungana ku kivuko ca Bujumbura. Reta yasavye ko ico kigorwa cokwitonderwa kuigirango ntihagire amategeko ahonyangwa canke ngo ishirahamwe EPB ryahahora rihabwe indishi y’akababaro.

Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta riravyiyamiriza kuko ngo vyahonyanze amategeko agenga itangwa ry’amasoko ya Reta. Gabriel Rufyiri arirongoye avuga ati ‘’Ntamahiganwa yabaye hagati y’amashirahamwe arenga abiri, ahubwo habaye iconokwita amayeri kugira itunganywa ry’ikivuko ca Bujumbura rihabwe uwegereye ubutegetsi’’. Yongera ati’’Umukenyezi w’umwe mu batwara iyi sociyete nshasha GPS-Burundi akora mubiro vy’umukuru w’igihugu’’.

Olucome risaba umukuru w’igihugu gutanga umuco kuvyerekeye ikivuko ca Bujumbura. Gabriel Rufyiri amenyesha ko habayemwo ka mwana wa mama na nkunzi mu gushira mu minwe y’abikorera utwabo ikivuko ca bujumura.

Umushikiranganji wo gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ibikorwa vya Reta arI nawe ajejwe mumirimo yiwe ikivuko ca Bujumbura avugako atategeko na rimwe ryahonyanzwe kuko ngo vyarizwe neza.

Ikivuko ca Bujumbura kiri mumashirahamwe ya leta afise ubutunzi bwinshi. Niho haca ibidandazwa vyose biza mu Burundi biciye mu bwato. Abahinga muvy’ubutunzi nka Faustin NDIKUMANA arongoye n’ishirahamwe PARCEM risaba abarundi guhindura ingendo avuga ko gushira mu minwe y’abikorera utwabo ikivuko ca Bujumbura bikwiye kwitonderwa, hakajaho abahinga bobanza kubica hirya no hino. Ahandi ho, uyomuhinga abona ko bishobora gutuma ubutunzi bw’igihugu bunyonyezwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha