IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Ingingo ya Reta yo gushira mu minwe y’abikorera utwabo ONATEL yafashwe ku (...)

Ingingo ya Reta yo gushira mu minwe y’abikorera utwabo ONATEL yafashwe ku bw’inyungu y’igihugu

mardi 9 Gitugutu 2012

Umuyobozi mukuru wa ONATEL, Ndayishimiye Donatien amenyesha ko ingingo yafashwe na Reta yo gushira mu minwe y’abikorera utwabo iryo shirahamwe yafashwe ku nyungu y’igihugu.

Ariko ahamagarira abakozi gukorana ubwira kugira ngo berekane ko bashobora kuzobandanya bariteza imbere. Avuga ko igituma hagiye gukorwa ibisabwa vyose kugira ngo iryo shirahamwe riteze imbere ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru. Arigereranya n’umugeni ngo abanza kwikora neza akisiga imbere y’uko aja kurongorwa.

Ngo ubu yihatira gukura iryo shirahamwe mw’itiro ryatanzwe n’ukwihebura kw’abakozi bibaza ko kurishira mu minwe y’abikorera utwabo bizotuma batakaza akazi. Ngo mu bikorwa ubu muri iryo shirahamwe ni ukwirinda gusesagura uburyo rikoresha na cane cane mu kudafata ingingo zituma ONATEL isohora uburyo bwinshi risanzwe idafise.

Ku bijanye no gushira mu minwe y’abikorera utwabo iryo shirahamwe ngo Reta yasavye Ibanki y’isi yose gutanga intererano maze iyo nayo ica ishiraho umuhanuzi yotegura ivyegeranyo vyerekana ingene ONATELyifashe n’icokorwa imbere yuko ishirwa mu minwe y’abikorera utwabo. Ishirahamwe Renaissance Capital ni ryo ryateguye ivyo vyegeranyo bisanzwe vyerekana icokorwa kugira ONATEL ishishikare gutera imbere.

Donatien Ndayishimiye yemeza ko ibisabwa gukorwa ari ukwongereza umutahe wa ONATEL kugira ngo ishobore gukora bimwe bimwe vyoshobora gutuma haba akarusho. Aha ngo ni ukugura ivyuma bishasha vyotuma igira ububasha bwo kwakira abanywanyi barenga 200.000. Ngo mbere ni muri iyo ntumbero hategekanywa kuzokwongereza umutahe wa ONATEL ungana imiriyoni cumi na zitatu z’amadorari (13.000.000 $) kugira ngo mu mwaka w’2013 izoshobore kwakira abanywanyi bari hagati y’200.000 - 1.000.000.

Ngo ni muri uwo mwaka iryo shirahamwe rishobora kuzoba ritanga ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru bita 3G, na anteni zishika 150 zizokwubakwa mu gihugu cose. Ngo n’abipfuza kuronka umuhora aho bageze hose mu mahanga bakoresheje ONATEL ngo bazoshobora guhamagara ata ngorane.

Umuyobozi mukuru wa ONATEL, Donatien Ndayishimiye aremeza kandi ko ishirahamwe arongoye rifise kazoza keza uravye ibiriko birakorwa. Ngo iryo shirahamwe risanzwe rifise imihora ya telefone zo mu nzu, imihora ya telefone ngendanwa n’ingurukanabumenyi. Ngo ONATEL isanzwe yarahawe kuzotunganya umugambi w’imihora izoba itangwa mu bisagara ifatiye ku muhora mpuzamakungu wa Fibre Optique.


PPB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.