IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Reveriyano NDIKURIYO ahabwa amahirwe menshi mu bahiganirwa kurongora (...)

Reveriyano NDIKURIYO ahabwa amahirwe menshi mu bahiganirwa kurongora FFB

samedi 7 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu bazokwitoza mu burongozi bwa FFB harimwo Reverien NDIKURIYO umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, akaba ari nawe yari asanzwe arongoye iryo shirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi. Yitoza gusubira kurirongora.

JPEG - 52 ko
Reveriyano NDIKURIYO ahiganira gutwara FFB mu kiringo ciwe ca kabiri

Muri ico kibanza, ahiganwa na OPC 1 Alexandre Muyenge batazira Manelex. OPC1 Alendre Muyenge niwe yari asanzwe arongoye umurwi wo mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi ujejwe ivy’umutekano, akaba akina mu murwi Haleluya FC w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Abitoza mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’iryo shirahamwe hariho Habimana Aimable, Ryivuze Apollinaire, hamwe na Nzisabira Hussein batazira Muzba.

Mu kibanza c’icegera ca kabiri hariho Samugabo Mustafa, Rwabayinkovu Emile hamwe na Nimubona Arcade.

Mu Kibanza c’uwuzoba ajejwe ihiganwa, uwitonza ni Hossi Yussouf.

Mu gisata kijejwe umupira w’urwaruka, uwitoza ni Sylvestre Ndayizeye n’umuhuzabisata w’umugambwe CNDD FDD.

Kibuga Ramadhan nawe yitoza mu kibanza c’uwujejwe imigenderanire, mu gihe mu gisata c’uwujejwe ubutunzi uwitoza ari umushingamateka Denis Karera.

Mu kibanza c’ igisata kijejwe umupira w’abagore, abitoza ni Gloriose Ndayizeye na hamwe na Kabura Eugenie

Marc Manirakiza na Jean Bosco Muhungu nabo bitoza mu kibanza co kurongora umugwi ujejwe amategeko muri iryo shirahamwe.

Juma Musoma na Aboubakar nabo bitoza mu kibanza c’uwuzorongora urukino rw’umupira bita Beach soccer.

Ayo matora azobera mu ntara ya Gitega kuri uwu w’Imana, abatora akaba ari abakuru b’amashirahamwe yose y’umupira w’amaguru mu gihugu c’Uburundi, hamwe n’abakuru b’imirwi (Equipes) yo mu Burundi.

Amakuru ava mu begereye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi avuga ko uwuhabwa amahirwe menshi y’ugutorwa kurongora iryo shirahamwe ku rwego rw’igihugu ari umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO asanzwe ari aramutswa iryo shirahamwe haraheze imyaka ine. Amategeko ya FFB avuga ko atawurenza ibiringo bitatu arongoye iryo shirahamwe. Mu gihe Reveriyano NDIKURIYO yotorwa, coba kibaye ikiringo ciwe ca kabiri.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Nta mupira w’amaguru uzigera utera imbere i Burundi mu gihe ishirahamwe ryawo rimota politike gusa. Umve namwe: Reveriyano Ndikuriyo, Alexandre Muyenge, Sylvestre Ndayizeye, Denis Karera...Ayo mazina ntaco ababwira? Carafashwe nta saganirizo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.