IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Abanyagihugu bahamagarirwa gushengeza ababasinzikariza ubuzima

Abanyagihugu bahamagarirwa gushengeza ababasinzikariza ubuzima

mardi 22 Mukakaro 2014

Abanyagihugu bari bakwiye gushengeza abasinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu, nk’uko bishikirizwa na Vital Nshimirimana, umuhinga yakoze icigwa ku vyerekeye ivy’ihohoterwa mu Burundi.

Ishirahamwe rukiristu ryishinze kurwanya abasinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu, ACAT, ryasohoye icegeranyo c’icigwa ryakoze ku vyerekeye ugusinzikariza ubuzima ikiremwa muntu mu Burundi. Kubwa Vital Nshimirimana, umuhinga yakoze ico cigwa abisabwe na ACAT Burundi, abanyagihugu bari bakwiye kumenya ko iyo bahoze, baba bariko bategura ko uwo muntu asinzikaza ubuzima bw’uwundi ashobora kubikora ubugira kandi, kuko vyagiye vyibonekeza igihe cose hatabaye uguhana, uko iminsi ihera, bikaba biguma bibandanya. Nico gituma abanyagihugu bari bakwiye kwubahuka bagashengeza abo bose babasinzikariza ubuzima.

PNG - 583.6 ko
Vital Nshimirimana, umuhinga yakoze icirwa

Muri ico cigwa cakozwe, abapolisi nibo baza imbere mu gusinzikariza ubuzima kiremwa muntu, hamwe n’abarongozi bo mu ntwaro zo hasi zegereye abanyagihugu. Igituma babikora, nk’uko bisigurwa n’uwo muhinga Vital Nshimirimana, n’uko akenshi aribo begereye abanyagihugu, iyo rero hagize nk’uwunana nta nkeka abo bajejwe intwaro barakoresha inguvu baba bafise canke naho bagatuma na cane cane urwaruka usanga ruhurikiye mu migambwe, aha umuhinga agatanga akarorero k’urwaruka rw’ imbonerakure rwagiye ruravugwa.

Uwo muhinga Vital Nshimirimana akamenyesha ko abantu bari bakwiye kumenya ko yaba uwatumwe canke uwatumye gusinzikaza ubuzima bw’uwundi, bose bahanwa co kimwe.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.