Accueil > Imibano > Amabi > Amabi afatiye ku gitsina aracibonekeza mu Burundi
Amabi afatiye ku gitsina aracibonekeza mu Burundi
mercredi 19 Munyonyo 2014
Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana n’ukunganisha igitsina bwateguriye mu ntara ya Bubanza uruganda rwo gutuza burundu amabi ajanye n’ihohoterwa rifatiye ku gitsina.
Muri urwo ruganda, Donatienne Girukwishaka yari yaserukiye umushikiranganji wo gushigikirana, akaba yamemenyesheje ko bibabaje ku mabi akorerwa abantu bamwe bamwe, no gutotezwa bifatiye ku gitsina. Avuga ko naho Reta iriko ikora ibishoboka kugira ayo mabi atuzwe, umupfasoni Girukwishaka akaba avuga ko ayo mabi atarahera burundu. Asaba abantu bose guhagurukira icarimwe ayo mabi akarwanywa, uwayakorewe nawe, agatabarizwa. Mu Burundi naho, abakenyezi n’abana bakaba aribo babangamiwe nayo mabi.
Mukamenya ko ayo mabi afatiye ku gukubagurwa mu ngo, kukutagira ijambo, guharikwa, n’ayandi mabi afatiye ku gitsina yibonekeza mu ngo zitandukanye, ariko bamwe mu bakenyezi bakayagendana ntibacire n’ikanda. Ivyo rero nk’uko abari bitavye urwo ruganda babivuga, bigashobora gutuma ayo mabi adashobora gutuzwa burundu. Ikindi akaba ari bamwe batanga igiturire kugira ntibakurikiranwe mu gihe baba bagirijwe ayo mabi afatiye ku gitsina.
Aristide Nizigire
Messages
19 Munyonyo 2014, 12:20, par muhorakeye
DROLE kuko abagabo b’abarundi umengo umugore nikintu canke umuntu à exploiter. sinzi ko bizobavamwo en plus urugamba ruracari rurerure kuko abarundikazi ntibimenera akabanga
20 Munyonyo 2014, 07:23, par Yamuremye@yahoo.com
Ivyo miko bimeze
13 Mukakaro 2016, 10:39, par Ngendakumana Jeremie
Ugiye Kuraba Abakobwa C Kino Gihe Ntibambara Ngo Bikwize Ari Naco Gituma Bafatwa Kunguvu