Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amabi afatiye ku gitsina aracibonekeza mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Amabi afatiye ku gitsina aracibonekeza mu Burundi

Amabi afatiye ku gitsina aracibonekeza mu Burundi

mercredi 19 Munyonyo 2014

Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana n’ukunganisha igitsina bwateguriye mu ntara ya Bubanza uruganda rwo gutuza burundu amabi ajanye n’ihohoterwa rifatiye ku gitsina.

Muri urwo ruganda, Donatienne Girukwishaka yari yaserukiye umushikiranganji wo gushigikirana, akaba yamemenyesheje ko bibabaje ku mabi akorerwa abantu bamwe bamwe, no gutotezwa bifatiye ku gitsina. Avuga ko naho Reta iriko ikora ibishoboka kugira ayo mabi atuzwe, umupfasoni Girukwishaka akaba avuga ko ayo mabi atarahera burundu. Asaba abantu bose guhagurukira icarimwe ayo mabi akarwanywa, uwayakorewe nawe, agatabarizwa. Mu Burundi naho, abakenyezi n’abana bakaba aribo babangamiwe nayo mabi.

Mukamenya ko ayo mabi afatiye ku gukubagurwa mu ngo, kukutagira ijambo, guharikwa, n’ayandi mabi afatiye ku gitsina yibonekeza mu ngo zitandukanye, ariko bamwe mu bakenyezi bakayagendana ntibacire n’ikanda. Ivyo rero nk’uko abari bitavye urwo ruganda babivuga, bigashobora gutuma ayo mabi adashobora gutuzwa burundu. Ikindi akaba ari bamwe batanga igiturire kugira ntibakurikiranwe mu gihe baba bagirijwe ayo mabi afatiye ku gitsina.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.