IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > “Arirang”, Smartphone nshasha yo muri Koreya y’Uburaruko

“Arirang”, Smartphone nshasha yo muri Koreya y’Uburaruko

mardi 13 Myandagaro 2013

Igihugu ca Koreya y’Uburaruko cashize ahabona smartphone yaco nshasha. Ikaba yahawe izina rya “Arirang”. Abahinga bakurikirana ivy’ubuhinga bwa none bakaba bavuga ko iyo Smartphone yoba ikorerwa mu Bushinwa.

JPEG - 10.7 ko
Arirang, smartphone nshasha yo muri Koreya y’Uburaruko

“Arirang” ni smartphone nshasha ikomoka muri Koreya y’Uburaruko. Ikaba yashizwe ku mugaragaro kuri uyu wa kabiri. Isohoka ry’iyo terefone rikaba ryatangajwe n’ubutegetsi bwa Pyongyang. Ubwo butegetsi bukamenyeshako iyo terefone ikozwe mu buhinga bwa none bwo muri Koreya y’Uburaruko gusa. Ikaba isohotse inyuma y’uko umukuru w’igihugu wa Koreya y’Uburaruko, Kim Jong-Un, yishikiye kw’ihinguriro “May 11 Factory” rivuga ko rihingura iyo terefone “Arirang” yo mu bwoko bwa smartphone.

JPEG - 25.4 ko
Kim Jong-Un mu rugendo mw’ihinguriro "May 11 Factory"

Iyo terefone yahawe izina rya “Arirang” bafatiye kururirimbo ruzwi kandi rukunzwe cane muri ico gihugu ca Koreya y’Ubumanuko. Isohoka ryiyo terefone rije inyuma y’amezi make ico gihugu gisohoye tablette yitwa “Achim”. Iyi yo ikaba ikorerwa mu Bushinwa ariko ikegeranirizwa muri Koreya y’Uburaruko. Abakurikirana ibintu n’ibindi mu buhinga bwa none bo bavuga ko iyo smartphone nshasha nayo nyene yoba ikorerwa mu Bushinwa, igaheza ikegeranirizwa muri Koreya y’Uburaruko.

Ico gihugu gikomeza cereka ibihugu bikeba vyaco ko gifise ubushobozi mu buhinga bwa none. Gikomeza gishira mu ngiro imigambi yo gukoresha uburyo bwo gutumatumanako amakuru bwite cisangije. Mwomenya ko kuva mu 2002, ico gihugu gikoresha umuhora w’ubuhinga ngurukanabumenyi cisangije. Kuva mu 2008 hakaba hari amaterefone ngendanwa yazanywe n’ishirahamwe Orascom ryo mu Misiri. Muri ico gihugu, haharurwa imiriyoni 2 z’abantu bakoresha amaterefone ngendanwa ku miriyoni 24 z’abantu bagize ico gihugu. Izo miriyoni 2 zose akaba ari ahanini abakora mu kazi ka leta. Izo terefone kandi ntizishobora hamagara i nomero zo hanze y’ico gihugu. Ibice 95% vy’abanyagihugu b’ico gihugu nta terefone ngendanwa bafise, nta n’umuhora w’ubuhinga ngurukana bumenyi bagira.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.