IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Amabi > Abakenyezi b’abarundikazi bari mubaharanira ihinduka ry’ibintu

Abakenyezi b’abarundikazi bari mubaharanira ihinduka ry’ibintu

mardi 25 Ntwarante 2014

Mu kigo c’abafaransa c’i Bujumbura hatangiwe ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamaku, ico kiganiro catunganijwe mu ntumbero yokwerekana uruhara rw’umupfasoni mw’ihinduka ry’ibintu, cane cane guhindura uko umukenyi afatwa mu kibano, vyari mu cirwa cakozwe citwa "Femmes Résistance".

JPEG - 195.5 ko
Umumenyeshamakuru-mufotozi Jean-Yves Ginet

Umumenyeshamakuru-umufotozi ava mu gihugu c’Ubufaransa azwi kw’izina rya Pierre-Yves Ginet yatanze ico kiganiro ku bamenyeshamakuru yatanguye asigura ubudasa buri hagati y’umumenyeshamakuru-mufotozi n’umufotozi asanzwe. Kubwa Ginet, umumenyeshamakuru-mufotozi ntafotora kugira atange amasanamu meza iminsi yose, ariko yofotora kugira aronke amasanamu yisiguye.

Mu kiganiro Ginet yise "Femmes en Résistance" bisigura Umukenyezi ariko arahakana", yerekanye amasanamu y’ibice bimwe bimwe vyo kw’isi, aho umukenyezi yavuye hasi agaharanira agateka kiwe. Ginet yerekanye ko intango yoguharanira agateka k’abakenyezi n’ak’isi yose bikozwe n’abakenyezi ubwabo kahereye mu gihugu ca Argentine mu kibanza citiriwe "Place de Mai", aho abakenyezi 14 batanguje urugamba imbere y’ubutegetsi bwari bwimonogoje mu gusinzikaza ubuzima bw’abo batavuga rumwe, bamwe baricwa abandi bagakorerwa amabi atagira uko asa. Ginet yerekana ukuntu abo bakenyezi bama bahurira muri ca kibanza iminsi yose isaha icenda z’umuhingamo biyamiriza kandi bongera basaba ubutegetsi kubereka iyo bwashize ababo bwatwara ntibagaruke. Inyuma yo gupfungwa, gukubagurwa no kwicwa, abo bakenyezi baratevye bararonka ibiganiro.

Akandi karorero katanzwe ni ako mu gihugu c’Ubuyapani i Fujimori mu mwaka w’1995 gushika umwaka w’2000, Reta yategetse guhagarika gusama imbanyi biciye mu kubaga igitereko, ivyo rero vyagirirwa abagore ku nguvu kandi babagwa nk’ibikoko kuko babanza kubabohera hamwe hama bakabatera imiti isinziriza. Abagore babazwe ntibasubira gusama imbanyi. Abagera ku bihumbi 331.600 benshi bava mu gihugu c’Ubuhindi bagizwe ingumba.
Niho rero umukenyezi yitwa Hilaria Supa Huama yava hasi mu mwaka w’1997 agatanguza urugamba rwo kwegera abagore bose bakorewe ayo mabi abigisha kwubahuka kwitura ubutungane.

Ginet yerekanye ibihugu bimwe bimwe aho amaze kubona abakenyezi baviriye hasi agateka kabo navyo ni nka: Burundi, Rwanda, Allemagne, Cambodge, Libiya, Palestine, Kossovo, Soudani, Nepal, hamwe no muri Algentine (ari naho vyatanguriye)


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.