IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Bumwe mu butare buranyegezwa mu gushorwa hadakurikijwe amategeko

Bumwe mu butare buranyegezwa mu gushorwa hadakurikijwe amategeko

mercredi 27 Myandagaro 2014

Ingorane zitari nke na cane cane urudandazwa rwamagendu rwariraye mu gisata c’ukwimbura ubutare mu Burundi , ni naco gituma usanga ubwo butare butungisha akarwi k’abantu mu gihe abandi barundi isinzi bakenye nk’uko vyagaragaye mu cigwa cakozwe co kuraba uko ibintu vyifashe muri ico gisata.

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire no kurwanya abanyonyeza amatungo ya Reta batunganije uruganda rw’iminsi itatu, guhera kw’igenekerezo rya 25 gushika kuwa 27 Myandagaro rujanye na wa mugambi ujanye no kwemeza hamwe no gushira mu ngiro ibijanye n’umuco mw’icukura ry’ubutare mu Burundi. Uruganda rwinjira mu ntumbero yo kumenyesha abanyagihugu uko intwaro ibereye yifashe, hamwe n’umuco mu vyerekeye igisata c’ubutare. Ico gisata basanze ciziziwe n’ingorane zitari zike.

Nk’uko tubimenyeshwa n’umuhinga yakoze icigwa ku bijanye n’amategeko agenga ico gisata, uko ibintu vyifashe akamaro ko gucukura ubutare biciye mu muco hamwe no guhanura impande zose ku cerekeye icokorwa, Frederico Bamvuginyumvira, amenyesha ko basanze ingorane zitari nke, yaba bamwe bacukura ubutare badakingiwe, agahembo gato , abana bata amashure, amategeko ajanye n’ibidukikije adakurikizwa , umuco udakwiye mu vyerekeye gucukura ubutare, ubusuma bukorwa kuva hasi , ingorane y’uguharika n’ibindi nk’uko tubishikirizwa n’umuhinga.

Ubusuma bwa mbere bukorwa na burya bwana usanga bwimba ubwo butare abo nabo, kugira butunge vuba banyegeza mu bibuno inzahabu bwakuye mu kuzimu ba shebuja bakabereka zike. Ubwo butare baca babugurisha ku bantu bari ngaho hafi barondera izo nzahabu ariko batazwi, ivyo rero bigatuma batamenya uko umwimbu w’ubwo butare uko ungana niyo uja. Uwundi murwi ni uwabarya bazitwara kuzigurisha mu kinyegero mu bihugu bibanyi nk’ Urwanda, Tanzaniya na Congo bazigurisha ku mafranga make, ugasanga igihugu kihahombera. Iyindi ngorane ituma ata muco ubaho niyijanye n’abashora hanze ubwo butare ugasanga babicisha mu mihora y’abanyacubahiro , mbere umuhinga yakoze icigwa yasavye ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka hamwe n’uwubudandaji n’amahinguriro, kugira baze babitekurura barabe bamenye nivyo batwaye uko bingana.

Kugira ibintu bishobore guhinduka ivyo gucukura ubutare bikaba mu muco umuhinga yakoze icigwa akaba yarerekanye icokorwa n’umwe umwe wese kugira ibintu bishobore guhinduka. Kugira umwimbu uva muri ico gisata ushobore kumenyekana.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.