IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Burundi: Ibanki nkuru y’igihugu igiye gushiraho inoti nshasha

Burundi: Ibanki nkuru y’igihugu igiye gushiraho inoti nshasha

vendredi 24 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Ibanki nkuru y’igihugu igiye gushiraho inoti nshasha mu minsi ya vuba, izo nazo zikazosubirira izahahora z’amafaranga amajana atanu, ibihumbi bibiri, ibihumbi bitanu hamwe n’inoti y’ibihumbi cumi.

Mw’ibanki nkuru y’igihugu bamenyesha ko izo noti nshasha zizotuma abanyagihugu hamwe n’amabanki badasubira guhura n’ubusuma bwa bamwe bazigana kuko zizoba zikozwe mu buryo bwa kijambere . Izo noti kandi zizoba zisumvya ubukomezi izahahora, kandi zoroshe no kubika, bitumwe n’uburinganire bwazo ugereranije n’izahahora, ivyo navyo bikaba bitumwa n’irangi rizoba risizeko hejuru.

Mu gihe c’amezi atatu bise ‘’double circulation ‘’niho abanyagihugu bazoza baguza inoti za kera bakaba zishasha mu vyo bazoba bariko baragura canke mu ma banki yose ari mu gihugu. Ico kiringo ni cahera , izo noti za kera zizoca zivanwa mw’ibarabara uwukeneye kuguza akazoja mw’ibanki nkuru ya Republika gusa canke ku biro vy’iyo banki biri hagati mu gihugu.

Ariko rero izindi noti zisigaye zikazobandanya zikoreshwa gushika aho nazo zizohindurwa nk’uko bishikirizwa na Audace Niyonzima, asanzwe arongoye igisata c’ivyigwa n’ibijanye n’ibiharuro mw’ibanki nkuru y’igihugu. Ikindi amenyesha n’uko ata sano vyoba bifitaniye n’amatora.


Floxella Karire

Messages

  • Nizere ko nkurumbi atazojako canke ikintu canke kiranga uwo mugambwe

  • Nivyiza caane kuko inoti zahahora zari zarashaje kuburyo zitari zigihesha igihugu cacu iteka. Jewe niyumviye umuntu mubabanyi bacu bitwengera bamaze kuvunjisha ayabo mumarundi kumupaka ngo ’AMAFRANGA YACU ASHAJE NK’UKO IGIHUGU CACU CASHAJE". Ahubwo BRB ikoreshe Commande ya qualite du papier zibe ari nziza kandi zikomeye.
    2. Inoti ya 100Fr ikwiye kuhava hagakoreshwa Ikingorogoro, hagasigara inoti guhera kuri500Fr.

  • murakoze cane kuvona mushoboye guserura ibijanye nifaranga ry uburundi,jewe ica mbere nagomba gusa si inoti ko yohinduka kuko twahora tunazikoresha ariko ihindutse vyoba vyiza kurusha ,ariko cane cane igihugu cisubizeko umutamana ahahera y uburundi yataye agaciro birenze urugero,abakura mbere barashobora kutwibutsa nimba bikunze,duhereye kuri BAGAZA ifaranga ryuburundi agaciro ryari rifise,mbe muribuka ko murico gihe uburundi bwari bufise universite yazamwo kwiga abavuye hanze mubihugu vyakure,urunganwe gubu ruvyumva nkimigani,ifaranga ryoryo ntitworivuga kuko ntagihugu ndashobora kumva gita agaciro murugezo nkugwo,u rwanda murazi amahera yagwo mubihe biheze,ariko ubu 100000 franc vyamarundi bivunjwa 30000 yama NYA Rwanda.barundi jewe ubu sinumva ukungene mukinezegwa ukamengo ntaco munezwe usanga kukiyaga kuminsi yoso mwagiye kwiryohera ariko nuko mutarasohoka igihugu ngo murabe ibindi bihugu ifaranga ryabo rikora,twe turi hanza turamara mara no kumva ivyo tubona hiyo ariko BRB konzi harimwo inca mbenge ntibona ko hari hagez ko yikunkumura akagaye kibind bihugu,nashaka kubaza mbe ko twumvise ko uburundi bufise idene ngo nibwashobora kwifata neza bushobora kuzoririha nyuma yimwaka 100,mbe turavye igo gihugu tubona bizoherera hehe?twe tuba hanze yigihugu cacu ,tumaramazwa nivyagaciro kiburundi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.