Accueil > Ubutunzi > Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwarengewe n’ikibazo c’ibura ry’igitoro
Ubushikiranganji bw’ubudandaji bwarengewe n’ikibazo c’ibura ry’igitoro
mercredi 18 Ntwarante 2015, par
Ubushikiranganji bw’ubudandaji ntiburabona ingene bwotorera inyishu ingorane y’igitoro igisibije muri kino gihe, ahanini ivuye ku ngorane y’ibura ry’amafaranga y’agaciro (devises).
Ikibazo c’igitoro cabaye akananirabahinga, ntawuramenya aho ingorane iri vy’ukuri, mbere kukirondera n’ubu bikaba bisa no kurondera umuzi w’ibuye, ariko umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro, amaposita n’ingenzi agatanga insiguro ko ari ingorane y’amafaranga y’agaciro abuze.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa 18 Ntwarante, umushikiranganji w’ubudandaji, amaposita, amahinguriro n’ingenzi avuga ko atabona neza aho inyishu izotorerwa iyo ngorane y’ibura ry’igitoro. Ahubwo umushikiranganji Rose Nizigiyimana asaba abasanzwe bafise ama "Stations" ko bofata ingingo yo kudatanga igitoro kuri uwo wese azanye akadumu (akabido).
Ico kibazo kikaba cabaye ndanse kuko catandukiriye n’izindi ntara zo hagati mu gihugu nka Ngozi, kikaba gifise ingaruka mbi ku buzima bw’igihugu na cane ku basanzwe bunguruza abantu. Iryo bura ry’igitoro na cane cane ca "Essence" kikaba catanguye kubura rwose inyuma yaho abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike asanzwe ari muri rwa rugamba rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye yasavye Reta kugabanya igiciro c’igitoro kigashika ku 1700 kw’iritiro, mbere ico kibazo kikaba kiri mu vyatumye bahagarika imirimo kw’igenekerezo rya 5 Ntwarante.
Floxella Karire
Messages
18 Ntwarante 2015, 15:06, par Citoyen Lambda
Muti umushikiranganji w’ubudandaji avuga ko atabona neza aho inyishu izotorerwa iyo ngorane y’ibura ry’igitoro? None nivyaba vyamunaniye ntiyotanga imihoho hakaza ababishoboye?
18 Ntwarante 2015, 17:27, par BANDEKE
None atabone aho yokura inyishu ku ngorane zateye ku gitoro naco akaba ariryo soko nkora mutima rya businesss nka zose, arindiriye iki muri ico kibanza? Mu yandi majambo bisigura ko vyamunaniye, hama bimunaniye naho, igihugu ntikiba icana, nace atanga imihoho ahereze ababishoboye bagerageze!! Iyi ngorane yo kubona umuntu yananiwe ariko ntavyemere ku mugaragaro niyo izoduta mu kaga muri kino gihugu cacu. Natange imihoho, kandi azoba yerekanye "ubukerebutsi" ataraho naho, umukuru w’igihugu namubogoze murayo mabanga, abarundi turazi kandi turizeye neza ko hari abashoboye gufata ingingo zitunganya mu bihe nkibi!!
18 Ntwarante 2015, 19:28, par NDAVUGASIMVURA
none ko B.R.B ivuga ko ama devise ariho ingorane zirihe?
19 Ntwarante 2015, 20:09, par Elic Kiragi
Nimureke Igitoromuburundi Kiriho Ahubwo Abatunzi Barakinyegeje Kumvo Za Poritike Jewe niyuvyirako Barikobarafa Abatumirira Abenegihugu Mumyiyerekano. Yezu Tabara Abarundi Bawe.