IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > CSLP2 : Faustin Ndikumana asaba abategetsi bamwe bamwe gutanga (...)

CSLP2 : Faustin Ndikumana asaba abategetsi bamwe bamwe gutanga imihoho

lundi 15 Kigarama 2014

Kutamenya kw’abategetsi mu gutunganya imigambi na cane cane iyikenewe gusumvya iyindi, n’uburungozi budashemeye, biri ahanini muvyatumye umugambi wa kabiri wo kurwanya ubukene CLSP2 udashika kw’ihangiro ryawo. Ishirahamwe PARCEM rigasaba abo bategetsi vyega gutanga imihoho canke naho basubirizwe.

Nk’uko bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye PARCEM mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa mbere wa 15 Kigarama, Faustin Ndikumana avuga ko afatiye mu cegeranyo casohowe na CNCA ( Comité National de collecte des Aides), habonekamwo ubudasa budasanzwe hagati y’amafaranga Reta y’Uburundi yari yasavye mu nama y’i Génève mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi wa kabiri wo kurwanya ubukene CSLP2, hamwe n’ayavuzwe mu manama yandi y’abafasha Uburundi yabaye mu kwezi kwa Mukakaro na Gitugutu umwaka w’2013 aho berekanye imiriyaridi 6,7 z’amadorari mu gihe i Geneve bari berekanye ko hakenewe imiriyaridi 3,58 z’amadorari gusa.

Kubwa Faustin Ndikumana, birababaje kubona abategetsi bamwe bamwe na cane cane abashikiranganji bikibagora gutunganya ibikorwa bikenewe gukorwa gusumba ibindi "Les priorités", akabona ko ari akamaramaza kubona badashobora kugira urutonde rw’ibikenewe n’ibibura.
Faustin Ndikumana akavuga ko ku mafranga yari akenewe kugira uwo mugambi uje mu ngiro, haburako ibice 71 kw’ijana, kuko hamaze gutangwa 1.962.648.653 z’amafranga y’amarundi mu gihe ayakenewe yose hamwe agera kuri 6.728.404.078 z’amarundi.

Mu gihe rero hasigaye imyaka ibiri gusa kugira uwo mugambi urangire, kubw’ishirahamwe PARCEM, uwo mugambi usa n’uwutashitse kw’ihangiro ryawo ryo kugabanya ubukene kuko gushika ubu umwimbu waduze ari uw’ibice 4 kw’ijana gusa.

Ishirahamwe PARCEM risaba abashikiranganji bose kuja gusigurira abanyagihugu imbere y’inama nshingamateka igituma igihugu gishobora kubura imfashanyo bivuye ku gutunganya nabi imigambi. Ishirahamwe PARCEM risaba umukuru w’igihugu gutunganya inama rukokoma ihuza abakozi bakuru bakuru ba Reta. Ku bategetsi nabo vyananiye gutunganya imigambi, Faustin Ndikumana asaba ko bokurwa bagasubirizwa n’abandi.


Floxella Karire

Messages

  • Mbega wewe aho unegura abandi ko utatubwira ivyawe? kunegura abandi biroroha!Nawe uwohagushira ndaziko vyoguhanga!Mbega wew kuva aho watwariye PARCEM ko udaha abandi?niwe wenyene ubishoboye?

  • wew wiyise nahigombeye Faustin yavuze ivyo w katacurashikiriza uraza baguhe urongore PARCEM w ntacabuz ariko wew wosanga atanico wimayiye nawe ariko arakuvugira ukigira zeze tekana yavuze nejo asosubira naw bono gusa

  • Ngurakunda abarundi!? Urazohendaso ntuzuhendejewe. Uwokubwira umuntakundabarundi yovugango abantu ngobatangimihoho? mbegumuntakundabarundi yokubahuka akabwirwa nabomumigambwe ngo dufashe uzuravuga ibintu vyotuma abenegihugu bareka kuguma bakunda iyi leta ngonacanecane mwikigihe amatora yegereje, wewe ntakigenda kabisa uwokumva uvuga atakuzi yogira ngurakunda abenegihugu kumbe wapi, Kowumva ukundabarundi kutarabwira abobanyamigambe bagabanure ayomarementanya kukonayo arimubituma nabozanye ubuzi bwishi mugihugu kubwishi batinyakubuzana kandaribwo bwofasha kugabanura ibishomeri mugihugu cacu?

  • Foustin naco mpfa kuvuga kuko izOnkandagira bitabo zabaDD zibijerekane ?kubona banAnigwa kugira plan bace baronka 6milliard$ nakamaramaza 10bategura ivyobashiriye bakasagA namakosa!!!!!!!kwisi zima ntahovyakabaye ???ivyobijerekane vyibereye aho vyaba DD

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.