IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Hagiye gutunganywa ihayanishwa ry’amashirahamwe yose yoroherejwe na (...)

Hagiye gutunganywa ihayanishwa ry’amashirahamwe yose yoroherejwe na API

jeudi 21 Myandagaro 2014

Ikigo kijejwe guteza imbere abanyamitahe kirashimishwa n’intambwe kigezeko muri ino myaka ine irangiye kivutse. Amashirahamwe 282 niyo yaronse impusha zo gukora bivanye na rya tegeko rijanye n’ukworohereza abanyamitahe.

Ikigo kijejwe guteza imbere abanyamitahe API caramutse gishira ahabona ivyo kimaze kurangura muri ino myaka ine imaze gishinzwe. Nk’uko tubikirizwa na Antoine Kabura arongoye ico kigo mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kane, igenekerezo rya 21 Myandagaro ibitari bike vyararanguwe. Amashirahamwe 282 niyo yaronse impusha zo gukorera mu Burundi bivanye na rya tegeko ryorohereza abanyamitahe, ni kuvuga ibice 70 kw’ijana ry’abasavye izo mpusha. Ku vyerekeye amashirahamwe yashoboye gushingwa naho, mu mwaka w’2012 agera kuri 1400, mu mwaka w’2013 agera kuri 2030 hamwe n’ubuzi bushobora kuboneka bugera ku 17158. Mu mwaka w’2014 ,amashirahamwe 1395 n’ubuzi bushobora kuboneka bugera kuri 13671. Ku vyerekeye naho kworohereza abanyamitahe , Uburundi ngo bwiteze uturusho dukomeye mu cegeranyo ca Doing Business co mu mwaka w’2015 kuko bwakoze ibitari bike.

Kubibaza naho ko ikigo API coba gitanga uturusho gusa ku mashirahamwe akivuka, Antoine kabura atanga umuco kubibaza ivyo, mbere avuga ko bakora n’ibindi bikorwa bitandukanye nko kumenyekanisha Uburundi mu makungu, ibikorwa vyo kurondera ingene abagwizatunga bozana ubutunzi mu Burundi , n’ibindi. Mu migambi ya vuba, ico kigo kigiye kuza kirakurikiranira hafi imitahe yose yaciye muri ico kigo kugira birabire ko abo banyamitahe bariko bakora neza ivyo biyemeje.

Mu kiringo c’ukwezi kumwe gusa naho, ico kigo kikazoshira ahabona ivyo kimaze kurangura mu kworohereza abanyamitahe mw’ihayanishwa rizokwerekana ko uturusho twatanzwe tudapfa ubusa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.