Accueil > Ubutunzi > Ibanki nkuru y’igihugu ntishinga inyungu zisabwa n’amabanki
Ibanki nkuru y’igihugu ntishinga inyungu zisabwa n’amabanki
jeudi 28 Myandagaro 2014
Urugero rw’ingene ibiciro bihindagurika rwavuye ku bice 5,2, mu gice ca mbere c’uno mwaka bija ku bice 3,8 muri kino gice ca kabiri.

Muri kino gice gisigaye c’umwaka w’2014 ibiharuro bikaba vyerekana ko urugero rw’uko ibiciro bihindagurika (taux d’inflation ) bizamanuka ugerenanije n’umwaka uheze bikaja ku bice 7,5 kw’ijana mu mwaka wa 2014 ,bikaja ku bice 7,9 kw’ijana mu mwaka w’ 2013 nk’uko bimenyeshwa n’umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu Yohani Ciza, mu ruganda rwateguwe rwo gushira ahabona icegeranyo c’umurwi ujejwe poritike y’amafranga.
Ikindi umukuru w’iyo banki yamenyesheje n’uko inyungu zisabwa n’amabanki ku banywanyi babo hamwe n’igiciro c’amafranga y’agaciro, ko atari ibanki nkuru y’igihugu ibishinga ahubwo iyo banki ihari kugira ibikurikiranire hagufi, irabe ko bariko bakora neza. Agira ati :’’ Kw’ishingwa ry’inyungu ibanki y’igihugu ntitegeka amabanki inyungu zishingwa, kera niko vyari ariko ubu ntigitegeka amabanki ,ahubwo iraba gusa ko ico gisata gikomeye kimeze neza.
Ku bwiwe amabanki ararekuriwe guhiganwa. Ku cerekeye naho ikibazo c’amanoti mato mato aguma abura na cane cane inoti y’ibihumbi bibiri, umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu yamenyesheje ko agiye kuboneka kuko bamaze gukora amakomande.



Floxella Karire