Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiciro ca essence super cadugijwe, ica gazol kiramanurwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igiciro ca essence super cadugijwe, ica gazol kiramanurwa

Igiciro ca essence super cadugijwe, ica gazol kiramanurwa

jeudi 17 Mukakaro 2014

Ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro, n’amaposita buhejeje gusohora itangazo rivuga ko igiciro ca essence super kidugijwe ariko ko igiciro ca gazol kigabanuwe.

Mw’itangazo ryasomwe kuri uyu wa kene igenekerezo rya 17 Mukakaro 2014, Hypax Sebahizi umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’amaposita, yamenyesheje ko igiciro ca essence super kivuye ku mafaranga 2.330 y’amarundi kigiye ku mafaranga 2 .360. N’ukuvuga ko hadugijweko amafaranga 30 y’amarundi kw’iritiro, mu gihe igiciro ca gazol kivuye ku mafaranga 2210 kigija ku mafaranga 2200. Icatumye haba iryo hindagurika ry’ibiciro, Hypax Sebahizi yamenyesheje ko ari kubera ko masoko mpuzamakungu Uburundi busanzwe bukura iyo essence na gazol, naho nyene ibiciro vyahindutse.

Ng’uku uko ibiciro vyahindutse ugereranije no mu kwezi kwa Rusama : Essence super, igiciro ca m3 cavuye ku madorari 852,99 kija ku madorari 866,97 mu mpera z’ikwezi kwa Ruheshi 2014, n’ukuvuga ko caduze ku igice 1, 64 kw’ijana. Gazol nayo igiciro ku m3 cavuye ku madorari 846,68 kija ku madorari 839,09 mu mpera Ruheshi, ni ukuvuga ko cagabanutse ku gice 0,90 kw’ijana.

Reta y’Uburundi ivuga ko naho habaye iryo duzwa ryibiciro ca essence, hari igice c’amafaranga nayo nyene yemeye guheba kumahera yinjiza, nk’amatagisi nyongeragaciro (TVA). Kw’iritiro rimwe rya essence super ikaba yahevye amafaranga 160,2, kuri gazol iheba amafaranga 254,43 kw’irito imwe hamwe n’amafaranga 21,65 kw’iritiro rya petrol.

Mwomenya ko mu kwezi kwa Mukakaro, Reta itegerezwa kuzotanga amafaranga agera ku miriyaridi 2 034 552 953 kugira igiciro ca essence ntikiduge n’abantu bose bashobore kukironka ki giciro kibayabaye.


Mariella Bukuru

Messages

  • nibahende abatazi guharura badugije vyose bagiye bongerako 10f yamarundi uharuye neza,ivyose ningaruka yubunyonyezi nintwarombi bimwe rupfiri avuga ngo terisema.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.