Accueil > Ubutunzi > Igipfungu kiribonekeza mu mafaranga Reta ikoresha
Igipfungu kiribonekeza mu mafaranga Reta ikoresha
mercredi 30 Mukakaro 2014
Umuhinga muvy’ubutunzi Karori Nihangaza amenyesha ko amafaranga amwe amwe Reta ikoresha kandi iba itayashize mu nteguro y’ayo izokoresha ari mu bituma haba ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta.
Mu cigwa yakoze abitumwe n’ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et Changement de mentalités) yasavye ko hoba umuco mu vyerekeye ayo mafaranga atangwa ataba ari muyo Reta yategekanije gukoresha.
Mu gihe yariko ashikiriza ivyavuye muri ico cigwa, mu ruganda yakoze kuri uno wa gatatu, Karori Nihangaza, umuhinga mu vyerekeye ubutunzi yamenyesheje ko inzego zitandukanye za Reta zijejwe kurwanya abarya ibiturire n’abanyonyeza amatunga ya Reta ntizifise ubwigenge bwo gufata ingingo. Izo nzego ububasha bwazo buherera gusa ku kudoma urutoke ku banyonyeje amatunga ya Reta, ariko nta bubasha zifise bwo guhana ababa babikoze.
- Karori Nihangaza, umuhinga mu vyerekeye ubutunzi
Kubwa Karori Nihangaza, vyari bikwiye ko amakonte yose ataba ari mw’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha yogabanurwa, kuko atuma haba ubunyonyezi butagira izina.
Kugira habe igenzurwa rikwiye mu vyerekeye ubutunzi bwa Reta, uwo muhinga amenyesha ko vyari bikwiye ko Uburundi bugira ubuyobozi bukuru bujejwe kugenzura inzego zose za Reta gushika no ku biro vy’umukuru w’igihugu.
Uwo muhinga asaba abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike gukorana n’abashingamateka kugira haboneke umuco ukwiye mu vyerekeye ikoreshwa ry’amatunga ya Reta.
Floxella Karire
Messages
30 Mukakaro 2014, 15:03, par roza kamikazi
ntibavuze ko bazogira uko abandi bagize reka dupfe abanyagihugu. none wagira arya mahera aja kubikwa hanze avahe, ugira hari nyarucari ajana abayoronka, canke abantu birirwa baratembera mumadege nukuri uhereye kuri kizigenza numupfasoni wiwe gushika hasi jewe ndazi ko na obama na michele ntibigira utwo iwacu bigira.
30 Mukakaro 2014, 16:18, par Turabazi
Tugir amahirwe Parcme ivy abanyagihugu bataronka igiye kubibaha.leta kovyayinaniye ahubwo nawe nibamugenzure muvyakora ’Mbeg akarimi gasosa!!!
30 Mukakaro 2014, 22:49, par KEZA
EWE KAMIKAZI VYUKURI VUGAMAKE REKA KUBIFATIRA MUGAHANGA,TURAKENYEYE NTITWUBAHE INZEGO MUZUBAHA UWUBAHONDA YEWEGAYE!!!!!!
1er Myandagaro 2014, 00:48, par Ntahombaye
Jewe ndibaza ko Uburundi buri mu bihugu bitunze cane.ehe raba bavuza ,abana kuri gusa ,abavyeyi bibaruka kubuntu,abashonje bahabwa infungurwa kubuntu ,muri kaminuza abana babatunzi nabana baboro bigs kubuntu no mui America reta ifasha umwana wumworo gusa.none uravye ingene dutunze nyakubahwa yoreka gutembera gute buri mwanya erega barayamazeko abari ninkwi barya ibihiye.Mwrimmukwiye guhagarika kivuga ko uburundi bukenye kuko ni kubuteza urubwa mu makungu Kandi ndazi ko nabategetsi bavuga ko ibigega bibogaboga.