Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igipfungu kiribonekeza mu mafaranga Reta ikoresha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Igipfungu kiribonekeza mu mafaranga Reta ikoresha

Igipfungu kiribonekeza mu mafaranga Reta ikoresha

mercredi 30 Mukakaro 2014

Umuhinga muvy’ubutunzi Karori Nihangaza amenyesha ko amafaranga amwe amwe Reta ikoresha kandi iba itayashize mu nteguro y’ayo izokoresha ari mu bituma haba ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta.

Mu cigwa yakoze abitumwe n’ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo PARCEM (Parole et Action pour le Réveil des Consciences et Changement de mentalités) yasavye ko hoba umuco mu vyerekeye ayo mafaranga atangwa ataba ari muyo Reta yategekanije gukoresha.

Mu gihe yariko ashikiriza ivyavuye muri ico cigwa, mu ruganda yakoze kuri uno wa gatatu, Karori Nihangaza, umuhinga mu vyerekeye ubutunzi yamenyesheje ko inzego zitandukanye za Reta zijejwe kurwanya abarya ibiturire n’abanyonyeza amatunga ya Reta ntizifise ubwigenge bwo gufata ingingo. Izo nzego ububasha bwazo buherera gusa ku kudoma urutoke ku banyonyeje amatunga ya Reta, ariko nta bubasha zifise bwo guhana ababa babikoze.

JPEG - 47.1 ko
Karori Nihangaza, umuhinga mu vyerekeye ubutunzi

Kubwa Karori Nihangaza, vyari bikwiye ko amakonte yose ataba ari mw’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha yogabanurwa, kuko atuma haba ubunyonyezi butagira izina.
Kugira habe igenzurwa rikwiye mu vyerekeye ubutunzi bwa Reta, uwo muhinga amenyesha ko vyari bikwiye ko Uburundi bugira ubuyobozi bukuru bujejwe kugenzura inzego zose za Reta gushika no ku biro vy’umukuru w’igihugu.

Uwo muhinga asaba abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike gukorana n’abashingamateka kugira haboneke umuco ukwiye mu vyerekeye ikoreshwa ry’amatunga ya Reta.


Floxella Karire

Messages

  • ntibavuze ko bazogira uko abandi bagize reka dupfe abanyagihugu. none wagira arya mahera aja kubikwa hanze avahe, ugira hari nyarucari ajana abayoronka, canke abantu birirwa baratembera mumadege nukuri uhereye kuri kizigenza numupfasoni wiwe gushika hasi jewe ndazi ko na obama na michele ntibigira utwo iwacu bigira.

  • Tugir amahirwe Parcme ivy abanyagihugu bataronka igiye kubibaha.leta kovyayinaniye ahubwo nawe nibamugenzure muvyakora ’Mbeg akarimi gasosa!!!

  • EWE KAMIKAZI VYUKURI VUGAMAKE REKA KUBIFATIRA MUGAHANGA,TURAKENYEYE NTITWUBAHE INZEGO MUZUBAHA UWUBAHONDA YEWEGAYE!!!!!!

  • Jewe ndibaza ko Uburundi buri mu bihugu bitunze cane.ehe raba bavuza ,abana kuri gusa ,abavyeyi bibaruka kubuntu,abashonje bahabwa infungurwa kubuntu ,muri kaminuza abana babatunzi nabana baboro bigs kubuntu no mui America reta ifasha umwana wumworo gusa.none uravye ingene dutunze nyakubahwa yoreka gutembera gute buri mwanya erega barayamazeko abari ninkwi barya ibihiye.Mwrimmukwiye guhagarika kivuga ko uburundi bukenye kuko ni kubuteza urubwa mu makungu Kandi ndazi ko nabategetsi bavuga ko ibigega bibogaboga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.